Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mu Butaliyano uwukekwa mu busuma bw’inkino yafashwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Mu Butaliyano uwukekwa mu busuma bw’inkino yafashwe

Mu Butaliyano uwukekwa mu busuma bw’inkino yafashwe

jeudi 21 Ruhuhuma 2013

Nkuko vyavuzwe uwo mugabo yitwa Admir Suljic, akaba akomoka mu gihugu ca Slovenia yafatiwe mu gisagara ca Milan. Abapolisi bataye muri yompi uyu mugabo bari bamaze igihe amurondera cane kuko bibaza ko afitaniye isano n’uwundi yitwa Dan-Tan akekwa kuba kwisonga ry’akarwi gakora ubumaji bwo kugena iherezo ry’inkino zitararangira ,ako karwi kabarizwa mu gihugu ca Singapore.

Abashingwamanza biwe ngo bari bamenyesheje igipolisi imbere yaho ko uyu mugabo afise umugambi wo kuja mu Butaliyano guhangana n’ivyo bamwagiriza.

Uwo mugabo Suljic rero ,akaba umwe mu bantu 12 bamaze gutabwa muri yompi bafatiye ku maperereza abiri amaze gukorwa ku vyaha vyo kugena uko inkino zitegerezwa kurangira ivyo bita Magie imbere y’uko ziba mu gihugu cy’U Butaliyano.

Isaha imwe imbere y’uko atabwa muri yompi ,umukuru n w’igipolisi mpuzamakungu-Interpol yari yatangaje ko ifatwa ry’uyu mugabo ari nkenerwa cane bategerezwa ku murongera hasi hejuru

Abategetsi ngo bizera ko Admir Suljic ashobora kubabwira vyose ku bikorwa vy’ako karwi k’abakora ubu magie.


Sylvere Murwaneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.