Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
31 Mukakaro : Umunsi wahariwe umukenyezi w’umunyafrika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > 31 Mukakaro : Umunsi wahariwe umukenyezi w’umunyafrika

31 Mukakaro : Umunsi wahariwe umukenyezi w’umunyafrika

mercredi 31 Mukakaro 2013

Amashirahamwe y’inkino ku bigeme hamwe no guteza imbere urukino ku bigeme mu Burundi vyashitsweko haciye igihe kinini habaye ingorane nyishi, na cane cane iyerekeye umuco. Umupfasoni w’umurundikazi yamye aruhijwe n’imico n’imigenzo ya basokuru.

Igenekerezo rya 31 Mukakaro ni umusi wahariwe umukenyezi w’umunyafrika. Uwo munsi ukaba utegurwa mu ntumbero yo kumenya intambwe umukenyezi w’umunyafrika ashitseko mu kurwanya ubukene, guhohoterwa canke amabi amukorerwa hamwe n’ikumirwa rifatiye ku gitsina. Uno munsi ikimenyeshamakuru IGIHE kikaba cashimye kumenya aho umukenyezi w’umurundikazi ageze mu vy’inkino no kwinonora imitsi.

Mu Burundi bwa Nyaburunga ntibemera ko umukobwa nawe yitaho ivy’inkino, agakora ikarashishi. Mugabo twovuga ko yinonora imitsi ariko atavyo azi kuko wasanga kuva mu gaturuturu ariko ariruka mu dukorwa utu canke utundi gushika bwire. Yabikora abicishije mu ntambo, gusimba umugozi, hamwe n’utundi. Ikinyamakuru IGIHE cahaye ikiganiro umupfasoni asanzwe ari umumenyereza w’abana, mw’ishirahamwe ryishinze kwigisha abana n’urwaruka babicishije mu nkino. Uwo mupfasoni yatuganiriye ibitari bike ku vyerekeye inkino ku bapfasoni.

IGIHE : Mbega vyagenze gute kugira witeho ivy’inkino uri umukenyezi, ukaja kumenyereza abana tutabimenyereye ku bakenyezi?

Nimenya : Vyari bindimwo kuva kera, nkavyiyumvamwo cane.

IGIHE: Mbega abantu bakubona gute uriko uriruka inyuma y’abo bana ?

Nimenya: Kenshi usanga abantu batavyakiriye neza babona umenga uriko urasara hari abaca bagufata ukundi kuntu.

IGIHE: Mbega ubona bikenewe ko umukenyezi yitaho ivyo vy’inkino ? Mbega umuntu yunguka iki ?

Nimenya : Bifise inyungu nyishi cane mu buryo bw’umubiri, mu mutwe biraruhura kandi mu kibano abakenyezi bitaho inkino usanga ari abantu bazi kubana gose. Umenya ukuntu ubana n’abantu mu mirwi. umutegetsi w’umukenyezi yitaho inkino usanga ari umuntu yugurutse cane.

IGIHE: Mbega umukenyezi iyo yitayeho ivy’ inkino ntasanga yahevye ibanga ry’urugo ?

Nimenya : Haba namba ahubwo usanga ukora vyose n’ubwira bwishi kuko, igikuru ni ukwimenya ugatondeka ibintu ku rutonde.

IGIHE: Ni akahe kamo wotera abakenyezi bagenzi bawe ?

Nimenya: Ni ukwijukira inkino kuko ituma umubiri umererwa neza, no mu mutima kandi birafasha no kumenya kubana n’abantu. Ni kuva mu mico ya kera abakenyezi bakinonora imitsi kuko ni ngirakamaro.

IGIHE: Leta nayo woyitera akamo akahe?

Nimenya: Ni uko yoshiraho umugambi wo gukundisha inkino abana mu mashure. Hanyuma bacishe no mu bimenyeshamakuru bahimirize umukenyezi w’umurundikazi nawe yumve ko ivyo ikarashishi n’inkino bimuraba. Kuko abagore bagira inkino ntibagoyagoya. Kandi ni uko bari ku kibuga c’inkino umukuru n’umuto bose bakiyumva co kimwe.

Ku bwa Devote Barajenguye, umukuru w’umurwi w’abakenyezi n’inkino muri CNO (Comité National Olympique), avuga ati : "Ubu umwigeme w’umurundikazi arashobora kwiruka, akambara ikabutura, agakora inkino aticuza kandi atabwoba ko bamutora ikosa. Imirwi y ‘abakinyi b’abakenyezi ubu niyo itwara ibendera mu gushinga amashirahamwe mu gihugu hamwe no mu karere. Umurwi w’igihugu ujejwe inkino CNO (Comité National Olympique) warashizeho ndetse umugambi wo gushiraho abakenyezi mu nzego zifata ingingo zikarongora n’inkino. Ibintu vyinshi vyarakoretse ariko haracakenewe ko inguvu zongerekana dushike ku yindi ntambwe ishimishije.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.