IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Bobona > Amafoto > Mw’ihiganwa ritegurwa na RFI, umuririmvyi Bobona afise ikibanza cize, asaba (...)

Mw’ihiganwa ritegurwa na RFI, umuririmvyi Bobona afise ikibanza cize, asaba guhabwa amajwi

jeudi 2 Gitugutu 2014

Umuririmvyi Nikuze Bonfils ari mw’ihiganwa ryatunganijwe n’insamirizi mpuzamakungu y’Abafaransa "Radio France International", afise ikibanza ciza, noneho asaba Abarundi iyo bari hose kumuhunda amajwi maze umuziki w’Uburundi n’Uburundi bimenyekane mu makungu.

JPEG - 34.6 ko
Bobona ariko aririmba

Azwi cane kw’izina rya Bobona, inyuma yo gutanga umyidondoro wiwe arimwo indirimbo 8 nk’uko vyasabwa n’abategura ihiganwa, yarashoboye gutorwa mu baririmvyi bashika 300 bo ku mugabane wa Afrika. Bobona wewe yatanze urukurikirane "Ikirangaminsi". Ku rutonde hariko indirimbo ziwe zibiri arizo:« Ntiwansezeye » na « Inumire ». Nta minsi rero iheze abategura ihiganwa bamumenyesheje ko ari mu baririmvyi 10 bashoboye gutorwa. Kuri urwo rutonde ari kumwe n’aba bakurikira: Albino Mbie (Mozambique), Idylle Mamba (République Centre Africaine), Ifé (Bénin), Krotal (CAMEROUN), Richy (Ouganda), Marema (Sénégal), Oupta (République du Congo), Shishani (Namibie), na Ceuzany (Cap-vert), abo basigaye bariko bahiganishwa indirimbo zibiri zibiri.

Agashimwe Bobona ariko ahiganirwa kitiririwe "Prix Decouvertes 2014" gatangwa na RFI kagenewe abaririmvyi bo muri Afrika baririmbira ku mugabane wa Afrika nyene. Bakimuhamagaye Bobona bamubwiye ko afise n’amahigwe yo gutsinda, bibaye agatorwa, arekuriwe kuzojana n’abaririmvyi 5 bo mu murwi wiwe, mu gihugu c’Ubufaransa.

Bobona afise akanyamuneza karenze kuba ashitse kuri urwo rugero, ariko asaba Abarundi bose kumushigikira kugira atorwe, maze ibendera ry’Uburundi riduzwe n’abaririmvyi babwo. Mu gutora bica ku buhinga ngurukana bumenyi "internet" kuri www.prixdecouvertes.com/fr/vote. Ushitse aho haca haza urutonde rw’abaririmvyi twaberetse. Uce ufyonda kw’izina rya Bobona, ugaca umanuka ukabona ahari imirongo uwutoye ashiramwo umwindondoro wiwe, habuzemwo kimwe muri vyo ntakibuza ko ijwi ryawe riba ryanditswe.

Bobona avuga ko intsinzi yiwe muri "Prix Decouvertes 2014" azoba ari intsinzi y’Abarundi bose kandi umunezero azowusangira nabo.

Mwomenya ko agashimwe nk’ako gaherutse gutwarwa n’umuririmvyi Smarty avuka mu gihugu ca Burkina Faso. Kuva ico gihe yaciye ahabwa ububasha bwo kuzungura hafi ibihugu vya Afrika agirisha ibiteramo, no mu Burundi yarahaje kw’igenekerezo rya 15 Ruheshi 2014. Eka na Steven Sogo aramaze kuja mw’ihiganwa nk’iryo ariko nta mahigwe yaronse yo gutorwa.

Umviriza wongere urabe isanamu y’ururirimbo "Ntiwansezeye" ruri mw’igihaganwa


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.