IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > G-Marl Jamal > amasanamu > Raba isanamu nshasha y’ururirimbo "Hard Life" ya G Marl Jamal

Raba isanamu nshasha y’ururirimbo "Hard Life" ya G Marl Jamal

jeudi 12 Ntwarante 2015

Umuririmvyi w’umurundi G-Marl Jamal yasohoye isanamu y’ururirimbo "Hard Life" yakoranye n’abandi nka daniel Ray na ATM Jeff.

Inyuma y’umwaka uburamwo ukwezi kumwe ururirimbo "Hard Life" rusohotse rukanashimisha abatari bake bavyanditse ku kinyamakuru IGIHE.bi, isanamu yarwo yasohotse.

G-Marl aririmba mu citabirizo ati:" Ni ubuzima bugoye, ni ubuzima bugoye kubamwo, isi igenda inyaruka cane, iguma ihindagurika, simbona ico nokora". Mu giteramo ca mbere batangura bati:" ni nde yombwira ico twokora ko mbona ata numwe atwitayeho, mbega tubaye abande?", bati:" Nta rukundo rukiriho..."

Umviriza wongere urabe isanamu y’ururirimbo "Hard Life"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.