IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > G-Marl Jamal > Rachdar Abubakar Giraneza aba muri Australiya ni nde?

Rachdar Abubakar Giraneza aba muri Australiya ni nde?

mardi 4 Ntwarante 2014

Rachdar Abubakar Giraneza batazira Skinny G ni umuririmvyi yavukiye mu ntara ya Muyinga mu kwezi kwa Gitugutu igenekerezo rya 27, umwaka w’1993. Afise imyaka 12 yaciye aja kuba mu buseruko bw’igihugu ca Australiya. Aho yigiye imyuga itari mike.

Amaze gushika muri ico gihugu, Giraneza yaciye aja kwiyandikisha kw’ishuri ryitwa Balga High School. Kuri iryo shuri, uwo murundi yaciye akunda cane ibijanye no gutamba (dancing), kuvuza umuziki "D.J", yarakunda indirimbo ziri mu mudiho wa Rap, eka n’ibicapo bimwe bita "graffiti". Hejuru y’ivyo vyose, yarumva muri we impano yo gukina urukino rw’umupira w’amaguru kandi yari umukinyi mwiza cane.

Umunsi umwe, ariko arakina umupira w’amaguru, umukinyi wo mu murwi bariko bahangana yahushije umupira aca amukupita ku gatsintsiri aca avunika ukuguru kw’iburyo. Aho yaciye amara amezi abiri ari kwa muganga. Imbere yo gusohoka ibitaro, umuganga yaciye amubwira ati:" Kuva ubu ntuzosubire gukina umupira w’amaguru". Iryo jambo yaryakiriye nabi ariko ntiyacitse intege yaciye aja mu yindi myuga.

Kubera yari asanzwe akunda utugenegene, yaciye atangura gukora amasanamu. Ivyo yabikora nk’umumenyeshamakuru kuri iryo shuri yigako. Ico gihe, yaciye atorwa n’uruganda "Real Connections" kugira yandike yongere akine ireresi ngufi "Court Métrage"hamwe n’abandi bana bangana. Kugira atorwe, Giraneza yakunda kunegura ibintu bica ku nsamirizi agaca avyandika, ivyo vyerekana ko aciye ubwenge.

Mu mwaka w’2008, yaciye yungururizwa kuri Mirrabooka Senior High School. Kuri iryo shuri, yaciye akwirikirana abijanye n’ukumenyesha amakuru, ibijanye n’intambo, n’ivyese. Ivyo yabikora abibangikanya no kwiga ibijanye n’umuziki wa Hip Hop. Yaciye ahura n’uwuvuza umuziki karuhariwe "Disk jockey (D J)" yitwa Astro Black ava mu gisagara ca Los Angeles, uwo yamufashije yaciye amara imyaka 2 amwigisha uwo mwuga. Inyuma yaho, yari bitumwako cane cane mu manza z’ubugeni zakorwa n’abantu bo muri Afrika y’Ubuseruko baba muri Australiya. Mw’ihiganwa ry’aba DJ bakiri bato ryabaye yaciye atwara ikibanza ca mbere. Ari kumwe na John K-ay bari bigana baciye bashinga umurwi witwa " Tao Boiz".

Ico gihe, Rachdar yaciye aronswa akazina k’ubuhizi ka G- Marl Jamal. Niwe yararongoye umurwi wa Tao Boiz gushika mu mwaka w’2009. Hamaze kujamwo abitwa ba A.T.M Jeff, Daniel Ray, Malikizoh, Orlando Brown, Charles na King Jay. Uwo murwi waciye utangura gusambuka kuko hari hajemwo umukobwa yari yahoze akundana na G-Marl Jamal. Amaze kuva mu murwi, waciye uta inguvu bose batangura kurondera iyo Jamal yagiye kuko ku ntwaro yiwe abari mu murwi bahamenyeye vyinshi nko gukora bimwe bita "website", gukora amasanamu y’indirimbo n’ibindi. Bamaze kumukurikira, yaciye asubira kw’izina rya "Tao Boiz", maze risubira gufata inguvu, harimwo n’abakobwa kandi ubwa mbere ntibari barekuriwe kuja mu murwi.

Amaze kuwutahira, yaciye asohora ururirimbo rwiwe rwa mbere yise " Go Tell’em " yakozwe n’umuhinyanyuzi Andrew Wright mu nzu yitwa Gold Dust, hari kw’igenekerezo rya 25 Gitugutu 2012. Iyo ndirimbo yaciye isubirwamwo n’umuririmvyi wa Hip Hop ava mu gihigu ca Amerika yitwa Moe Crayne. G- Marl Jamal yaciye aguma asohora indirimbo, muri uwo mwaka nyene yaririmbanye na Daniel Ray iyitwa "Hardlife". Ico gihe, yaciye atorwa nk’umunyeshure wa mbere aciye ubwenge kw’ishuri ya Cyril Jackson yamazeko amezi 5 yiga gukora indirimbo no kuvuza nk’umu "DJ".

Ubu afise indirimbo nka Crazy How I Trip na I Hate Startin’Over zasohotse mu mwaka w’2013 hamwe na zirya twavuze aho hejuru.

Umviriza wongere urabe ururirimbo Crazy How I Trip rw’umurundi G- Marl Jamal aba muri Australiya


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.