Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rumonge : Buca bagaruka ku biro vy’umuhuza hamwe atoshira mu ngiro ivyo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > Rumonge : Buca bagaruka ku biro vy’umuhuza hamwe atoshira mu ngiro ivyo (...)

Rumonge : Buca bagaruka ku biro vy’umuhuza hamwe atoshira mu ngiro ivyo yabemereye

jeudi 6 Ruhuhuma 2014

Abanyagihugu bo ku Rukinga muri komine ya Rumonge bavuga ko n’ubu bakirindiriye urugendo rw’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara muri iyo komine, mu gihe bitwaye bavuga ko baranduriwe imirima n’abakozi barungitswe na musitanteri.

Igihe abo banyagihugu bayaga n’ikinyamakuru IGIHE kuri uyu wa kane igenekerezo rya 6 Ruhuhuma uyu mwaka, bavuga ko aho baherukira kuza kugaragariza umubabaro wabo imbere y’ibiro vy’umuhuza w’abarundi, yari yabasavye ko bosubira mu mihana iwabo, kugira aze ashobore kwishikira muri ayo matongo yo ku Rukinga, bavuga ko bariko baranyarwa na komine ya Rumonge, mu gihe n’umuhuza ubwiwe avuga ko amenye ko ayo matongo atari aya Reta muri aya mezi abiri aheze. Abo banyagihugu bakaba bamenyesheje ko, barindiriye n’ubu Rukara ko yohava ashika muri ico kibanza, kugira abatunganirize.

Umunyagihugu yayaze na IGIHE, akaba yavuze ko kuva mu gatondo, bari bahanganye n’abaporisi aho bita ku Rukinga mu gisagara ca Rumonge. Bamenyesha ko bari baroye kubuza abantu bariko babandanya gukorera ibikorwa mu mirima yabo, ariko bakavuga ko atawe umuporisi yariye urwara. Abo banyagihugu rero bakaba bagabisha Reta, ko hamwe ikibazo c’amatongo yabo kitotorerwa umuti, buca bagaruka kugandagaza ku biro vy’umuhuza, mu gihe bavuga ko na musitanteri w’iyo komine ya Rumonge adashaka kubumviriza, ndetse abinyegeza, mu gihe bamwagiriza ko ariwe yarungitse abaja gutemera hasi imirima yabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.