IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Shakira > Shakira yemeye guheba vyose kubw’umukunzi wiwe

Shakira yemeye guheba vyose kubw’umukunzi wiwe

lundi 10 Ntwarante 2014

Umuririmvyikazi Shakira yatangaje ko umugabo wiwe Gerard Piqué, umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru yamubujije gukora amasanamu y’indirimbo ziwe n’abagabo. Iyo ngingo ayakira neza kuko adashaka kubabaza umukunzi wiwe.

Shakira akeneye ko umugabo wiwe atogira ingorane n’imwe ivuye kuri we, yohava itosekaza urukundo bafitaniye na Gerard Piqué. Kugirango amuryohere Shakira avuga ko yemera guheba ico kintu cose cobabaza umugabo wiwe. Muri ivyo agiye guheba harimwo gusohora amasanamu y’indirimbo ziwe ari kumwe n’abagabo.
Avuga kandi ko bimuryohera kuko bimwereka ko umugabo wiwe ashaka ko ata wundi mugabo yohirahira ngo akore ku mugore wiwe. Amajambo Shakira yavuze yanditse mu rurimi rw’igifaransa avuga uku : "J’aime qu’il protège son territoire et que j’aie de la valeur pour lui, bisigura mu Kirundi uku :"Ndakunda ko ashaka gukingira akarere kiwe, kandi ko mfite agaciro imbere yiwe".

Mwomenya ko umuririmvyi Shakira yubakanye n’umukinyi wo mu murwi wa FC Barcelone Gerard Piqué kuva mu mwaka w’2010. Bamaze kuvyarana umwana umwe yitwa Milan Pique Mebarak.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.