Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
U Burundi bwanganije na Kenya mu rukino rwo gusubiza mu mupira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > U Burundi bwanganije na Kenya mu rukino rwo gusubiza mu mupira (...)

U Burundi bwanganije na Kenya mu rukino rwo gusubiza mu mupira w’amaguru

lundi 7 Nzero 2013

Umugwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba waratsinze umugwi nserukira gihugu wo mu gihugu ca Kenya mu nkino zo gukuranamwo. Urwo rukino rukaba rwabereye i Naïrobi muri Kenya.

Mu ntumbero yo gukuranamwo kugira bashike mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afirika , umugwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba waranganije n’umugwi nserukira gihugu w’igihugu ca Kenya mu rukino rugira kabiri rwabereye i Naïrobi muri Kenya ku musi w’Imana igenekerezo rya 6 Nzero umwaka w’2013.Ivyo rero bikaba vyatumye u Burundi butahukana intsinzi kuko mu rukino rwa mbere rwabahuje i Bujumbura , umugwi nserukira gihugu w’u Burundi wari wirahiye uwo muri Kenya ku gitsindo kimwe ku busa haraheze indwi zibiri .

U Burundi rero bukaba bwaciye buronka uburenganzira bwo kubandanya mu nkino zizobandaniriza mu gihugu ca Afirika y’epfo. Muri izo nkino u Burundi bukaba buzohura n’igihugu ca Sudani.

Ihiganwa ry’igikombe ca Afirika ry’abakinyi basanzwe bakinira mu bihugu vyabo rikaba ritegekanijwe kuzobera muri Afirika y’Epfo mu mwaka w’2014.


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.