IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Uganda yatahukanye igikombe ca CECAFA 2012

Uganda yatahukanye igikombe ca CECAFA 2012

dimanche 9 Kigarama 2012

Igihugu ca Uganda catsinze ibitsindo 2 kuri 1 ca Kenya. Igihugu ca 3 cabaye Zanzibar.

Igihugu ca Uganda ari naco cabereyemwo inkino zihuza imigwi nserukirabihugu vyo muri Afirika yo hagati n’ubuseruko nico catahukanye igikombe ca CECAFA uyu mwaka w’2012. Catsinze ibitsindo 2 kuri 1 ca Kenya mu rukino rwa nyuma kuri uyu wa gatandatu italike 7 ukwezi kwa Kigarama umwaka w’2012.

Igitsindo ca mbere cinjijwe n’umukinyi w’umukenya Anthony Kimani yiyinjije ku munota wa 28. Kenya nayo yahavuye yinjiza igitsindo ca mbere catumye binganya na Uganda ku munota wa 87, umukinyi Edwin Labatsa niwe yacinjije.

Ku munota wa 90,urukino rugira ruhere, niho ibintu vyadadanuka. Umukinyi wa Uganda yinjije itsindo kigira kabiri, cinjijwe na Geofrey Kizito. Gutyo, Uganda iba iratsindiye igikombe ca CECAFA mu mwaka w’2012.

Uganda yashitse mu gice ca nyuma ca CECAFA itsinze inkino zoze kandi idatsinzwe igitsindo na kimwe.

Iyo migwi ya kenya na uganda yaheruka guhura mu mwaka w’2008, naho nyene Uganda yatsinze igitsindo 1 kuri 0 gutyo itahukana igikombe.

Ikinanza ca gatatu catahukanye igihugu ca Znzibar mugutsina Tanzaniya 1 kuri 1, haciye haba gutera Pernalty, Zanzibar yinjiza zitandatu kuri zitanu za Tanzaniya.

Umugwi Intamba mu Rugamba waserukiye u Burundi wowo waviriyemwo mu gice ca kane gishira ica nyuma, utsinzwe na Zanzibar kuri Pernalty 4 kuri 5. Ariko abakinyi b’Intamba mu Rugamba bari binanase baratsinda igihugu ca Tanzaniya igitsino 1 kuri 0.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.