IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chris and Junior > Umugambi "Paka Promotion"uriko ufasha iterambere ry’abaririmvyi

Umugambi "Paka Promotion"uriko ufasha iterambere ry’abaririmvyi

samedi 22 Ntwarante 2014

Umugambi Paka Promotion uriko uraduza hejuru abaririmvyi b’Abarundi. Uwo mugambi watangujwe n’abamenyeshamakuru b’imicokama kugira bafashe abaririmvyi cane cane bataragera kure mu muziki ariko bashoboye. Abatanguje uwo mugambi batora umuririmvyi umwe bagakorana ibikorwa vyiwe vyose bijanye n’umuziki umwaka wose.

umumenyeshamakuru "Patrick Paggio Niyonkuru

Paka Promotion ni umugambi uriko ukorana n’abaririmvyi b’Abarundi bariko berekana aho bagejeje isemo, bashaka na ntaryo uwubafata mu mugongo. Uwo mugambi urimwo abamenyeshamakuru Patrick Paggio Niyonkuru na Eddy Kamoso. Paggio avuga ko Iciyumviro cavutse inyuma y’urupfu rwa Mandela, aho bamwe mu baririmvyi na bamwe mu bamenyeshamakuru baja hamwe bakaririmba ururirimbo bise "Kama Mandela"

Inyuma y’aho, baciye bakorana n’umuririmvyi Peter Niyo avukana n’umuririmvyi Doctor Claude. Ico bakorana n’abaririmvyi, ni kubamenyekanisha biciye mu gutangaza indirimbo zabo, gutumirwa kenshi mu biganiro vy’abaririmvyi, kubafasha gutegura ibiteramo no kubitangaza, eka n’ibindi. Ivyo tubibwirwa na Patrick Paggio.

Inyuma ya Peter Niyo, abaririmvyi b’abana Chris na Junior bariko bakorana n’umugambi Paka Promotion. Paggio arasigura itorwa ry’abo bana mu bandi baririmvyi benshi bari mu Burundi babuze ababashigikira.

Paggio ati:" Uwanka agakura abaga umutavu, itorwa rya Chris na Junior muri Paka Promotion n’uko twabonye abo bana bafise aho bonyene bamaze kwigeza, kuko mugufasha turaba isemo umuririmvyi wenyene amaze kwishikanako, kandi tukaraba abakora umuziki nk’umwuga. Si abo gusa umugambi uzobandanya no ku bandi".

Kuva mu mwaka w’i 2010, abo bana bararirimba ariko bari bakeneye uwubatera inkigi. Ibikorwa vyose bijanye no kuririmba vyabo bana harajamwo uruhara rwa Paka Promotion.
Ku kibazo caho Chris na Junior batanguye gusubiramwo indirimbo z’abandi, aha twovuga ururiribo rwa Kidum n’urwa Farious ariko Paka Promotion ntibabuze, Patrick Paggio yishura ko ururirimbo rwa Farious basubiyemwo ko na Farious ubwiwe vyamuryoheye cane ko hari n’indirimbo agiye gukorana n’abo bana. Kidum ntaco arabivuga ko.

Urukwirikirane rw’indirimbo zabo rushobora kwitwa "Shida" canke "Ingorane" ruri mu kuja ahabona.
Patrick Paggi arangiza amenyesha ko inyuma ya Chris na Junior bazoheza batore uwundi bakorane. Chris na Junior n’abana bafise kazoza mu muziki kuko bawutanguye bakiri bato.

Umuviriza wongere urabe aha munsi ururirimbo Chris na Junior baririmvye "Mama"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.