Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yisanze imbere ya camera ariko yihagarika mu kibuga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Yisanze imbere ya camera ariko yihagarika mu kibuga

Yisanze imbere ya camera ariko yihagarika mu kibuga

mercredi 5 Ruheshi 2013

Umurwi wa Rugby witwa New Zealand Warriors, waciriye ihadabu y’amafaranga angana ni 15.000 vy’amadorare y’Austrariya ni ukuvuga ibihumbi 14.600 vy’amadorare y’abanyamerika, umukinyi w’uwo murwi inyuma yo gusoba mu kibuga mu Rukino rwabahuza n’umurwi Brisbane Broncos,kuri uyu wa mbere i Brisbane.

Russell Packer yisanze imbere ya camera mu gihe yariko yihagarika mu kibuga mu gice ca mbere c’urukino, mbere uwo murwi wiwe ukaba watahukanye intsinzi ku manota (56-18) .

Iyo nyifato rero ngo ntawari kuyihanganira kandi ntakigongwe bari kumugirira nk’uko vyashikirijwe n’umuyobozi w’urukino rwa Rugby ku rwego rw’igihugu Nathan McGuirk.
Kur’uyu wa kabiri, Packer aciye ku muhora wa twiter yagerageje gusaba imbabazi ku nyifato yagize arongera kandi arakenguruka intsinzi umurwi wiwe watahukanye.
Yagize ati :’’ Ndabaramukije no ngera mbasaba imbabazi ku nyifato nagize mw’ijoro ryakeye. ndazi ko vyababaje abantu benshi ariko mumbabarire cane.’’

Kubw’umurwi, les New Zealand Warriors bafise imisi itanu kugira bige neza ko uwo mukinyi yohagarikwa canke ko yobandanya.


Prosper Ndayikeza

Messages

  • Vyukuri Uwo Mukinyi Yahohotewe Gucibwa Amande.Kuko Bavuga Yuko Umugabo Yihandurira Ahafatiwe Ubirevye Yahohotewe Kuk Ntamahitamwo Yarafise Ubwo Akomeze Kwihangana Amategeko Aremera Nkamabuye.

  • Vyukuri Uwo Mukinyi Yahohotewe Gucibwa Amande.Kuko Bavuga Yuko Umugabo Yihandurira Ahafatiwe Ubirevye Yahohotewe Kuk Ntamahitamwo Yarafise Ubwo Akomeze Kwihangana Amategeko Aremera Nkamabuye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.