IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Africanova > Umuririmvyi Africanova yagarutse mu Burundi

Umuririmvyi Africanova yagarutse mu Burundi

mardi 2 Ndamukiza 2013

Marie-Antoine Ruberinyange azwi kw’izina rya Africanova agiye kumara imisi 28 mu Burundi, inyuma y’imyaka 20 yarahunze. Azoremesha ibiteramo irya n’ino mu gisagara ca Bujumbura. Uwo murimvyi adasanzwe yarabiciye biracika mu Burundi no mu makungu.

JPEG - 58.4 ko

Ntawomenya ko Nova afise imyaka 63. Ari muri bake baririmba mu gihe ciwe bakiriho, co kimwe na Ngabo Léonce afise imyaka 62. Ibiteramo azoremesha, ni ku butumire bw’Ikigo ndangamico citiriwe Matata Jean Christophe, kirongowe na Ngabo Léonce nyene, na we bakaba barafadikanije kurongora ishirahamwe ry’abanyamuziki w’Uburundi.

JPEG - 62.2 ko

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Nova yamenyesheje ko aje kuramukanya, akazoboneraho n’ukuremesha ivyo biteramo. Ubuzima bwiwe bwose ni ukuririmba, kandi yaregeranije udushimwe tutari duke muri Afrika, i Buraya na Kanada.

Iyo nararibonye mu muziki, yahavuye aja mu vya poritike, mugabo ntiyahemukiye umuziki. Abamenyeshamakuru banamubajije ko kuririmba uri muri poritike bitagoye, yabamenyesheje ko vyiza umunyamuziki atobikorana na poritike ati ; « Jewe narabishoboye, mugabo uca usanga ata kwisanzura ufise mu muziki wawe. Mugabo ni umuntu we nyene yihitiramwo. Ni co gituma na jewe igihe ninjira muri Frodebu mu kinyegero, ata muntu twari kumwe muri Orchestre Amabano nahimirije kwinjira umugambwe. Ico gihe twari dusanzwe turirimbira Uprona, ndetse no mu Buganda nararirimba poritike. »

Muri ivyo biteramo rero ngo azoronka akaryo ko kubonana n’abantu ba kera bakunda amabano, co kimwe n’abaririmvyi bashasha bakiri bato b’Abarundi.
Ubu Nova asanzwe aba mu gihugu ca Kanada kuva mu 2005 ari kumwe n’umutambukanyi wiwe n’abana batatu


Juste Bigirimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.