IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Beyonce > Nouvelles > Umuririmvyi Beyoncé yaririmvye indirimbo ihayagiza igihugu ca America mu (...)

Umuririmvyi Beyoncé yaririmvye indirimbo ihayagiza igihugu ca America mu birori vyo kwimika Obama

mercredi 23 Nzero 2013

Mugihe isinzi ry’abantu bari bakoranye mu birori vyo kwimika prezida Barack Obama ubugira kabiri mu mabanga yo kurongora leta zunze ubumwe za America ,umurirmvyi w’umunyamerikakazi Beyoncé yararirimvye neza cane indirimbo ihayagiza igihugu ca Amerika.

Uko umuririmvyi Beyoncé yasubiyemwo iyo ndirimbo vyarahimbaye cane prezida ,umukenyezi wiwe Michelle Obama,n’abari bakoraniye ngaho bose,kuko yaririmvye n’ijwi ryiza kandi n’icubahiro cinshi.Mbere n’abatari bake barashimye cane iryo jwi rya Beyoncé muri iyo ndirimbo,babicishije k’umuhora ngurukanabumenyi internet.

JPEG - 8.2 ko

Ariko rero ibinyamakuru bimwe bimwe vyo muri Amerika no mu Bwongereza vyamaze kuvuga ko iyo ndirimbo yayiririmba asubiramwo ivyari kuri CD,ngo indirimbo zose zateguwe kuri uyo musi zari zafashwe ku ma CD imbere y’igihe, kugirango ntihagire ingorane ziza kuhaba bataziteguriye.

Ivyo ngo bakaba babivuga bisunze ivyavuzwe n’umuvugizi w’umugwi w’abaririmvyi ugizwe n’abasirikare bakorera mu mazi muri leta zunze ubumwe za America ( United States Marine Band). Kristin DUBois, ngo akaba yavuze ko Beyoncé yakoresheje CD yariyafatiyeko iyo ndirimbo ivyo bita «playback».


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.