IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Bobona > Inkuru > Umuririmvyi Bobona :" Intsinzi yanje kuri RFI ni iy’Abarundi (...)

Umuririmvyi Bobona :" Intsinzi yanje kuri RFI ni iy’Abarundi bose"

vendredi 10 Gitugutu 2014

Umuririmvyi Nikuze Bonfils azwi kw’izina rya Bobona asaba Abarundi bose kumuronsa amajwi maze atware agashimwe gatangwa n’insamirizi y’Abafaransa RFI.

Mu kiganiro Bobona yahaye abamenyeshamakuru amenyesha ko kuba umurundi yavuye mu baririmvyi bagera ku majana atatu bo k’umugabane wa Afrika bari biyandikishije wewe akaba yatowe muri 10 ba mbere, abona ko ari iteka nta ngere kuri we nk’umuririmvyi w’Umurundi, n’iteka kandi ku gihugu aho kiriko kimenyekanishwa n’abanyamyuga baco. Bobona avuga ko kuba ari muri 10 ba mbere ari intango ari naco gituma asaba Abarundi bose n’abanyamahanga bose eka n’abandi bakunda abaririmvyi b’Abarundi n’Uburundi kumuha amajwi maze Uburundi buterwe iteka ryo gutahukana agashimwe kitiriwe "Prix decouvertes RFI 2014".

Tora umuririmvyi Bobona uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi "internet" kuri www.prixdecouvertes.com/fr/vote. Ushitse aho haca haza urutonde rw’abaririmvyi twaberetse. Uce ufyonda kw’izina rya Bobona, ugaca umanuka ukabona ahari imirongo yo kwuzuza umwindondoro wiwe, habuzemwo kimwe muri vyo ntakibuza ko ijwi ryawe riba ryanditswe.

Bobona aributsa ko abatora bafise gutora gushika mu mpera za Gitugutu, mu ntango za Munyonyo 2014 niho hazotangazwa umuririmvyi wa mbere.

Umviriza wongere urabe isanamu y’ururirimbo "Inumire" ruri mw’ihiganwa rya "Prix decouvertes RFI 2014"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.