IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Marechal Femi De J’Abat > Umuririmvyi Femi de J’Abat agira agaruke mu Burundi

Umuririmvyi Femi de J’Abat agira agaruke mu Burundi

vendredi 11 Mukakaro 2014

Amakuru dukesha umuririmvyi Nsengiyumva Minani Felicien batazira Marechal Femi de j’Abat amenyesha ko azoshika mu Burundi ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 16 Mukakaro 2014, avuye mu gihugu ca Norvege aho asanzwe aba n’umuryango wiwe.

Ikinyamakuru IGIHE caganiriye nawe iyaba muri Norvege kimubaza ibijanye n’urugendo agiye kugira mu Burundi aho yaheruka umwaka uheze, akaba yatwishuye ati : "Nzoba nje ahanini mu buruhuko mu gihugu canje c’amavukiro nkunda cane". Twashatse kumenya namba hari imigambi azoba aje kurangura, nk’uko asanzwe abikora iyo aje mu Burundi. Femi de j’Abat yatumenyesheje ko imigambi ihari, muriyo hakaba harimwo iyerekeye abaririmvyi basangiye umwuga b’Abarundi, atibagiye no gutanga imfashanyo igenewe bantahonikora ahanini bo mu bwoko bw’Abatwa baba muri Komine Isare mu ntara ya Bujumbura rural.

JPEG - 69.5 ko
Umuririmvyi Femi De j’Abat ari kumwe Mkombozi (i bubamfu) hamwe Titi Love, Rally Joe na Annick Murundikazi (i buryo)

Umuririmvyi Femi de j’Abat amenyesha ko azoba aje kandi kwitaba ibikorwa vy’indwi yahariwe Abarundi baba hanze y’igihugu (Diaspora) izobera i Bujumbura mu mpera za kuno kwezi kwa Mukakaro.

Ikinyamakuru IGIHE kikaba tumwifurije urugendo rwiza mu gihugu ciwe c’amavukiro.


IGIHE

Messages

  • Kaze Muvukanyi wacu, NSENGIYUMVA MINANI FELICIEN, igihugu cawe kizokawkirana igishika cinshi.Ugize neza cane kandi kuba uzaniye iganuke bene wacu b’Abatwa.
    Ku ruhande rwacu, turagutumiye ngo uzofate umusi n’umwe mu yo uzomara mu Burundi, uduge i Gitega ugendere INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA nk’uko wabitwemereye mu mwaka uheze umaze kwumva inkuru ko iri Shure rya mbere ry’Umuziki mu Burundi ryahawe uburenganzira bwo gukorera ku mugaragaro. Muri kino gihe turiko turatanga ivyigwa vyiza cane ku Rwaruka rw’abaririmvyi b’i Gitega, tubigisha ubuhinga bwo kwongera gusubiza akanovera umuziki w’Uburundi mu kumenya kwabura indirimbo mu Muziki wacu kavukire, no kwandika amajambo yazo mu Kirundi ciza kiryohoye, no kumenya guhinyanyura amajwi abereye ajanye n’amategeko mpuzamakungu y’umuziki nk’uko twahora tubikora kera mu 1977 gushika 1979 nkiri muri ORCHESTRE NATIONAL ya mbere y’Uburundi. Dukorera harya mu nyubakwa za ALLIANCE FRANCAISE I GITEGA, tukigisha ku misi ya mbere n’iya kabiri n’iya gatatu ku muhingamo kuva 14h gushika 17h.
    Ndiyumvira ko wasomye mu binyamakuru bitandukanye ko nanditse igitabo kidonda ivy’akahise k’uyu muziki w’Uburundi tugezeko, ingene watanguye n’ukuntu washinze imizi kera. Ico gitabo citwa DE L’INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE - L’HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE 1960 - 1985, kikaba kirimwo n’amafoto menshi y’inararibonye za mbere z’umuziki w’Uburundi twakoranye. Turifuza cane ko mwebwe Bene wacu muba hanze y’igihugu mwogura ico gitabo ku bwinshi, kuko amafranga kizogurwa ahanini nifuza kuyafashisha iri shure ryacu rikaba n’iryanyu, INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA. Mubimenyeshe mbere n’abandi Barundi bari ngaho muri Norvege mutarafata urugendo rwo kuza, kugira babatume kuzokibagurira kuko kizotangura kugurishwa ku musi wa gatanu itariki 18 z’uku kwezi nyene turimwo, hanyuma itariki 24 na ho, ni ho nzogishikiriza icese mu kiganiro nzotanga harya muri Cercle y’i Gitega. Uwuzokigura wese azoba aterereye iryo Shure. Kaze iwanyu mu Burundi, muzogire urugendo rwiza. Uwifuza kunyandikira wese yokoresha iyi email ikurikira: [email protected] canke mwifuje kuntelefona, ni : 25779877097. Murakoze, Imana ibahezagire. Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE.

  • Murakoze cane Mgr. Justin BARANSANANIKIYE, ubutumwa bwanyu bwiza bwashitse.Murakoze k’ubutumire mumpaye, ndizerako tuzobonana, atagihindutse nzoza kabaramutsa i Gitega ngendere niryo shure INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA. Nkaba mbaye ndabakeza kuba mwariyumviriye kurikora hamwe nico gitabo mwanditse, ni intambwe nini kandi nziza haba ku Barundi twese canke abanyamahanga. Gitega ni intara nziza cane, ndahakumbuye. Ndahaheruka mu mwaka w’i 1991 ndahiga kuri E.T.P de Gitega. Abanyagitega mwese ndabaramukije, nzoza kubaramutsa binshobokeye ndanabaririmbire. Indirimbo yanje yambere KUBA KW’ISI NI UKWITONDA nayanditse ndi k’ubutaka bwa Gitega. Imana ibahezagire mwese / Femi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.