IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Happy Mackiss > Inkuru > Umuririmvyi “Happy Mackiss Manengura”uko areha n’uko yambara bitangaza (...)

Umuririmvyi “Happy Mackiss Manengura”uko areha n’uko yambara bitangaza benshi

lundi 25 Ntwarante 2013

Happy Mackiss Manengura ni umuririmvyi w’umurundi ataramenyekana cane kuko ariho agitangura, uwo akaba aturuka mu ntara ya Bubanza akaba kandi ariwe kugeza ubu uri ku rutonde rw’abaserukira abandi mukuba mugufiya mu baririmvyi bose b’abarundi nkuko bigaragara kuri izi foto ziwe.

Uwo rero yari yagiriwe amahirwe yo guhamagarwa mw’isabukuru y’umuziki mu ntara ya Cibitoke, uburyo yaje yambaye vyatangaje abantu benshi mu bitavye iryo sabukuru.

JPEG - 45.7 ko

Mu nyambaro yiwe isanzwe itangaje, arenzako Sub worfer, akambara ecouteur avuga ko akoresha iyo aririmba muri studio, akambara agasaho gatoyi atwaramwo ivya ngombwa.

Ababiraba bavuga ko uwo muririmvyi mu myambaro yiwe aba akwije ” boite de nuit “.
Uwo musore twaramubajije impamvu yambara gutyo utubwira ko ari kubera ashaka gukora ibitandukanye nivy’abandi bakora, ikindi naco aba yigana inyambaro y’umuririmvyi mugenzi we akunda cane yitwa Lil Wayne.

Muvy’ukuri uwo muririmvyi iyo umwegereye ukamuganiriza wumva ko afise kazoza muvy’indirimbo canke ukamufata nk’uwuzoba umuhinga mu gutwenza.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.