IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Irakoze Hope > Amasanamu > Umuririmvyi Hope yasohoye isanamu y’ururirimbo rukebura abahanzwe (...)

Umuririmvyi Hope yasohoye isanamu y’ururirimbo rukebura abahanzwe n’itiro

lundi 29 Nyakanga 2014

Umuririmvyi Irakoze Hope yasohoye isanamu y’ururirimbo "Kemea Usingizi". Amajambo arimwo hanini avuga ibijanye no gukura amaboko mu mpuzu abantu bagakora maze bakaronka ivyo vyose bipfuza. Isanamu n’intambo bishusha n’ivyo tubona mu baririmvyi bo muri Congo

"Kemea Usingizi" ni umutwe w’ururirimbo rushasha ruheruka gusohorerwa isanamu. Nk’uko uwo mutwe ubisigura, " Rwanya itiro", Hope ahanura abantu kwirinda itiro. Hope yitangako akarorero, aho avuga ko azinduka afise igitari ku rutugu agiye ku kazi kiwe hanyuma agatahukana amahera amufasha kuronka ivyo ashaka. Intambo iri mu ruririmbo ishusha n’intambo tumenyereye kubona zo mu gihugu ca Congo.

Tubibutse ko Irakoze Hope yaheruka guhabwa agashimwe n’uruganda rw’abahinyanyuzi Ikoh Multiservice ku ruririmbo yakoranye na Samantha. Hari inyuma yo gutsindira agashimwe ka Tusker Project Fame. Yahawe agashimwe kangana n’imiriyoni 5 z’amashiringi ya Kenya, ni ukuvuga imiriyoni zigera kuri 95 z’amafaranga y’amarundi. Aho hari mu kwezi kwa Kigarama 2013.

Raba aha munsi isanamu y’ururirimbo rushasha "Kemea usingizi"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.