IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Olga > inkuru > Umuririmvyikazi Olga Lorie yatangaje izina ry’umusore amureheje

Umuririmvyikazi Olga Lorie yatangaje izina ry’umusore amureheje

mardi 14 Gitugutu 2014

Umuririmvyikazi Olga Lorie aravuye mu gacere, ahejeje gutangaza uwo umutima wiwe w’urukundo wikundira, abahora bamufise ko icizere c’uko yobabera umufasha boronderera ahandi.

JPEG - 84 ko
Olga na Del Gomez bari mu rukundo

Ku murongo wiwe wa Facebook, Ntaganzwa Olga yatangaje umusore amureheje. Ivyo biranabonekera no ku mafoto ari ku ruhome ryiwe rwa facebook aho yemeza ko atakiri umwe. Mu gukura ibizigizigi ku bari bipfuza ku muresha, Olga yemeje ko ari mu rukundo n’uwitwa Del Gomez.

Tugiye gutohoza kugira tumenye uwo ari we umukunzi wa Olga, ariko tubipfurije kubandanya mu rukundo rw’abo bashize ahabona.

Tubibutse ko umuririmvyikazi Olga Lorie Ntaganzwa yahora mw’ihiganwa rya Primusic 2014, aho yatwaye ikibanza ca gatatu agatahukana n’imiriyoni 3.000.000 z’amarundi.

Umviriza ururirimbo "Rya joro"rwa Olga Lorie


Cherif nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.