IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Urubanza rw’abanyagihugu bitwariye Urwanda, Kenya n’Ubuganda ntagaciro (...)

Urubanza rw’abanyagihugu bitwariye Urwanda, Kenya n’Ubuganda ntagaciro rwahawe

jeudi 4 Nyakanga 2014

Ibirego vyari vyashikirijwe muri sentare y’ibihugu vy’Afrika y’Ubuseruko aho abanyatanzaniya bari bitwariye Urwanda, Kenya na Uganda kwama ivyo bihugu bigira inama bikumiriye ibihugu vya Tanzaniya n’Uburundi, ibirego vyafashwe nk’aho atagaciro bifise.

Sentare y’Afrika y’Ubuseruko ikaba yari yigije imbere urwo rubanza aho hari mu kwezi kwa Munyonyo umwaka uheze, urwo rubanza ruraheza rwungururizwa mu kwezi kwa Ruhuhuma uwu mwaka, ariko sentare isaba Hatibu Msanga, David Geofrey Makatha na John Adam Bwenda bo mu gihugu ca Tanzaniya kuba batatanze ibimenyetso bihagije kugira sentare ifate ingingo. Ingingo rero sentare yafashe akaba ari iyo gufata ko urwo rubanza rutagira agaciro.

Muvyo abo bagabo basaba, harimwo ko iyo sentare y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko yofata ko ibikorwa vyose ndetse n’ivyagiye birirwa muri nama zabaye Uburundi na Tanzaniya bitarimwo, bitoshirwa mu ngiro. Mukamenya ko Abo bagabo batatu rero banegura ibikorwa vyaranguwe n’ibihugu bitatu arivyo Urwanda, Kenya n’Ubuganda ibindi bihugu bitatumiwe, ndetse bakanegura ukwo hafashwe ingingo zo gufashanya mu bisata bimwe bimwe bikomakomeye Uburundi na Tanzaniya bitatumiwe, aho bakavuga nko gufashanya mu gisata ca poritike, ubudandaji, n’ibindi.

Mu nama zitatu zakozwe ico gihe ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya atari ho biri, ivyo bihugu bitatu bikaba vyaragabuye uburyo ibikorwa nyamukuru vyashitseko vyokwirwa. Muri ivyo, igihugu ca Kenya cahawe gukurikirana igikorwa co kwubaka inzira ya peteroli n’umuyagankuba, Urwanda ruhabwa gukurikirana ibijanye n’imbibe, indangamuntu imwe mu karere ka EAC n’urupapuro rumwe ku ngenzi, nayo igihugu c’Ubuganda kikaba cahawe gukurikirana iyubakwa ry’inzira ya gari ya moshi n’ihuzwa rya poritike.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nibaze ko na sentare iri Arusha atawubaserukira arimwo!ivyo navyo bashitseko ntibituraba(tz,bi)!

  • Ntangorane cpi irababona ni bijandajandire.

  • Abandi bagize iyo migambi barihe? Uburundi ubu ni koloni ya Tanzaniya kubera amasezerano bagize n´abari mw´ishamba. Abarundi bagomba kwigumira aho beretswe na Tanzaniya, n´ukubareka.

    Abo bitwa abanyagihugu ni nde yabatumwe?

  • Barabesha tugiye kubahebera ishirahamwe ryabo.

  • @rosa kamikazi :Ese uwagandaguye abana au petit séminaire de Buta, CPI we ntimuraba?

  • NTABWO NEMERANYA N’UVUGA KO UBURUNDI ARI KOLONI YA YA TANZANIYA,AHUBWO TANZANIYA NAYITA UMUKUNZI W’UBURUNDI;ARIKO UBURUNDI BUZAREBE NEZA NIBA TANZANIYA IDAKUNDA UBURUNDI IBWIKUNDIRAMO;IBYO RERO BYABA ARI IKIBAZO GIKOMEYE KUKO NZI NEZA KO MURI POLITIKI NTA DENI IGIHUGU GISHOBORA KURIRA IKINDI RYATUMA KIDAKORA IBYO KIGOMBA GUKORERA ABANYAGIHUGU BACYO NGO NI UKUGIRANGO BAGUMYE BAKUNDANE? ABARUNDI BACA UMUGANI NGO UMUGABO ARIGIRA YOKWIBURA AGAPFA.BAGE BAWIBUKA KO WASINZWE NA BASEKURUZA BABO NK’UMURAGE NGENDERWAHO NINAWO URWANDA TUGENDERAHO KUKO NO MU KINYARWANDA UWO MUGANI TURAWUGIRA.IKINDI NIBUTSE ABARUNDI NI UKO ISANO URWANDA RIFITANYE N’ABARUNDI RIRUTA IRYO BAFITANYE NA TANZANIYA,IBYO MVUGA NI UKURI.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.