IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Cuba yarungitse abaganga bafasha ahari bake

Kenya : Cuba yarungitse abaganga bafasha ahari bake

mercredi 6 juin 2018

Urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC dukesha iyi nkuru, rumenyesha ko abandi baganga 50 b’abahinga vyitezwe ko bashika mu mpera z’ino ndwi hakurikijwe umwumvikano uzotuma abaganga benshi bo muri Kenya bahabwa inyigisho mu gihugu ca Cuba.

Naho biri ukwo, BBC ivuga ko, rimwe mu mashirahamwe y’abaganga yo muri Kenya ryavuze ko uwo mwumvikano atari mwiza, kuko hasanzwe hari abaganga bakwiye mu gihugu.

Iryo shirahamwe kandi ryemeza ko kuzana abaganga bavuye mu gihugu ca Cuba bizobera intambamyi imigambi yo kunagura ubuvuzi muri Kenya hamwe no kwongera imishahara.

Mu mwaka uheze abaganga bo muri Kenya bahagaritse akazi ameze atatu bavuga ko bahembwa nabi kandi bakagira ibikoresho bidakwiye.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.