IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubuganda : Uwatoye ubuhinga bwo gupima malariya hadakoreshejwe amaraso (...)

Ubuganda : Uwatoye ubuhinga bwo gupima malariya hadakoreshejwe amaraso yahawe agashimwe

vendredi 15 juin 2018

Uwo musore Brian Gitta w’imyaka 24 yaronse agashimwe ka "Royal Academy of Engineering’s Africa Prize" ku gikoresho gitora indwara ya malariya mu kwatsa umuco utukura gishizwe ku rutoke rw’uwupimwa.

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko inyishu y’ivyo bipimo ishobora guca ihererekanwa kuri telefone ngendanwa mu munota umwe.

Yakoze ico gipimisho yise Matibabu, inyuma yaho uburyo bwo gupima hakoreshejwe amaraso bunaniriwe yafashwe na malariya.

Malaria niyo ndwara ihitana abantu benshi mu gihugu c’Ubuganda, Gitta akaba yarinze kwipima incuro zitatu ngo atore malariya, nkuko Shafik Sekitto ari mu batanguje igipimisho Matibabu yabwiye iradiyo BBC.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.