IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Steven Sogo > Indirimbo > Ururirimbo "Kwa Nyogokuru" rusubirwamwo ku mboneshakure nkuru yo muri (...)

Ururirimbo "Kwa Nyogokuru" rusubirwamwo ku mboneshakure nkuru yo muri Egypte

jeudi 9 Ndamukiza 2015

Indirimbo Steven Sogo yakoze mu Kirundi hamwe n’ibicurarangisho kavukire ziriko zisubirwamwo n’abandi baririmvyi bari kumwe mu mugambi wa Nile Project, uhuza abaririmvyi bakoresha ibicurarangisho ndangakaranga baba mu bihugu bisangiye uruzi Nile.

Isanamu "Video" iboneka ni iy’ururirimbo "Kwa Nyogokuru" rwa Steven Sogo Sogotolo. Iyo sanamu yafashwe igihe Sogotolo ariwe "Steven Sogo", n’abandi baririmvyi bava mu bihugu vya Uganda, Kenya, Egypte, Soudan, Etiyopiya, Sudani n’Urwanda, bari abatumire ku mboneshakure nkuru y’i Caire muri Egypte (National TV CAIRO). Ico gihe, ururirimbo "Kwa Nyogokuru" rwarasubiwemwo n’umurwi wose, Sogo avuza ikembe, kimwe mu bicurarangisho kavukire vy’Uburundi, abandi bavuza imyironge, n’ibindi. Kuba arirwo ruririmbo rwatowe mu zindi, biha agateka igihugu, kandi Uburundi bukubahirwa imico ndangakaranga narirya yasa n’iyariko ihera nk’ifu y’imijira.

Kandi si urwo gusa, n’ururirimbo "Biwelewele" rwa Steven Sogo Sogotolo nyene rwarasubiwemwo n’abo baririmvyi bose.

Raba aha munsi uko "Kwa Nyogokuru" rwasubiwemwo muri ico kiganiro ku mboneshakure nkuru y’i Cairo muri Egypte.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.