IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > N John > Ururirimbo rushasha rwa N John ruragabisha abagabo n’imisore

Ururirimbo rushasha rwa N John ruragabisha abagabo n’imisore

lundi 15 Nyakanga 2014

N John igihe yaheruka mu gihugu c’Urwanda yavuyeyo akoranye ururirimbo n’umuririmvyi Bruce wo mu Rwanda. N John ashaka ko ibikorwa vyiwe bitogarukira mu Burundi gusa.

N John

"Mubimenye" nirwo ruririmbo rushasha rw’abaririmvyi N John Melodica na Bruce Melodie wo mu Rwanda. Inyuma y’urwo rugendo ngirakamaro mu Rwanda, N.John yatubwiye ko gutembera hirya no hino bimugirira akamaro, kuko ahungukira vyinshi. Uwo muririmvyi arishimira cane urwo ruririmbo kandi arabona ko ruzokora kuri benshi, kuko ubutumwa atanga bujanye n’ibintu bikunzwe kuboneka mu kibano.

Abo baririmvyi bavuga abagabo barondera gusambanya abagore b’abandi bagakoresha amayeri yose ashoboka kugira babaronke. Bati : "Mubimenye bagabo namwe basore".

Umviriza aha munsi ururirimbo "Mubimenye", rwakorewe mu gihugu c’Urwanda, mu nzu y’ubuhinyanyuzi "Fazzo Touch Record".


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.