IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Willy Leonard > Indirimbo > Leonard Niyomwungere : Imbonerakure n’Ivyuma vy’indege, dusayangane

Leonard Niyomwungere : Imbonerakure n’Ivyuma vy’indege, dusayangane

jeudi 9 Ndamukiza 2015

Willy Leonard Niyomwungere yasohoye ururirimbo ruhamagarira imirwi itandukanye yo mu buzima bw’Uburundi gushira hamwe. Ivyo biri mu majambo ari mu ruririmbo yise "Dusayangane".

Tubamenyeshe kandi ko uwo muririmvyi aba muri Canada, ariko muri kino gihe ari muri Kenya aho incuti yiwe yitavye Imana

Soma amajambo ari mu ruririmbo hanyuma wumvirize n’uko ruririmbwe mu mudiho wa Raggae. Ayo majambo y’urwo ruririmbo twayarungikiwe na Willy Leonard Niyomwungere ubwiwe

"Dusayangane " lyrics"

1.Igihe imana yaremabantu
Ntanumwe yaremye nkuwundi yaturemye mubudasa
Umwe wese imuh’ivyiyunviro vyiwe ,...
Iduha imitima idasa ariko ikundana
Ukudasa kwivyiyunviro vyacu,
Gutuma isi icibibatsi gutuma isi ikayangana
Nkuko amashugwe yubwoko bwinshi,
Uyateretse mukibanza kimwe akayangana uhuuu
Natwe turi mumigwi itandukanye ,
Nimuze twicarehamwe dukayangane

CHORUS /
Abapolona naba Parena;Dusayangane
Aba Cndd fdd naba upd:Dusayangane
Aba Mrc na ba Msd:Dusayangane
Aba Fnl naba Frodebu:Dusayangane
Imbonerakure n ivyumavyindege:Dusayangane
Aba jrr naba jdebu:Dusayangane
Aba Adl naba Florina;Dusayangane
Aba CNDD naba CDP:Dusayangane
Reta namashirahamwe yigenga:Dusayangane

2. Twibagire ibidutandukanya
Dushire imbere ibiduhuza dufatane mu nda
Iyo umuntu mutabona ibintu kumwe ,
Ntace aba umwansi wawe ,mugume mukundana
Ukudahuza ivyiyunviro ,
Tugasangira igihugu iyo ni yo democratie
Turavukana turi bene mugabo umwe
Dusangiye ugupfa nugukira uburaro n’uburamuko
Ingo dufatane urugendo ,
Tubumbatire ubumwe n’amahoro dukayangane

CHORUS/
Aba police nabanyagihugu:Dusayangane
Abasangwa nbahungutse:Dusayangane
Abamenyeshamakuru nabategetsi:Dusayangane
Abatoza amakori naba komeresa:Dusayangane
Abataxi moto naba taxi velo:Dusayangane
Aborozi nabarimyi:Dusayangane
Abarezi nabanyeshure:Dusayangane
Abaporoti nabagatulika:Dusayangane
Oho oh oh oh oh hooooohohohohohohohohohohohohohohohohoooh

3. Kera umuntu yatinya ibikoko ,
Mwarahura bikakwirukako utivunye bikakurya.
None ibikoko vyabaye abagenzi,
Tubana navyo tukagendana ntacobikitugira
Umwana w’umuntu yahindutse inyamaswa
Yambere hano kwisi ikurya igutwengera
Mana fasha abadahuje ivyiyunviro
Dusubire dukundane dusayangane

Chorus/
Abapolona naba Parena;Dusayangane
Aba Cndd fdd naba upd:Dusayangane
Aba Mrc na ba Msd:Duayangane
Aba Fnl naba Frodebu:Duayangane
Imbonerakure n’ivyuma vy’indege:Dusayangane
Aba jrr naba jdebu:Dusayangane
Aba Adl naba Florina:Dusayangane
Aba CNDD naba CDP:Dusayangane
Reta namashirahamwe yigenga:Dusayangane

Written & produced by Willy Leonard Niyomwungere.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.