Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abantu 73 bahitanwe n’isanganya muri Mozambike :
Abantu 73 bahitanwe n’isanganya muri Mozambike :
vendredi 18 Munyonyo 2016, par
Abantu baharurwa muri 73 nibo bapfuye, abarenga 100 nabo barakomereka bikomeye, bitewe n’isanganya ry’imodoka yunguruza ibitoro yatembagaye, mu nyuma irasha.
Hafi y’urubibe Mozambike ihana na Malawi, mu karere ka Tete niho iryo sanganya ryabereye, aho imodoka (Camion) yariko itwara ibitoro yatembagara, abanyagihugu bo muri ako karere baca bihutira kwiba ivyo bitoro. Iyo modoka yaciye isha, umuriro uhitana abantu baharurwa muri 73.

Abajejwe intwaro muri ako karere bagerageje kunyarukira ahabereye iryo sanganya, bagerageza kuzimya uwo muriro.
IGIHE
Messages
18 Munyonyo 2016, 10:37, par CHRISTIAN
NIBIHANGANE ABAHABURIYE
18 Munyonyo 2016, 15:22, par EGIDE
Uwiba Yobona Ugwo
18 Munyonyo 2016, 17:10, par Kanyosha
Mbabajwe nabapfuye batariko baraja kwiba canke kuyora ivyobitolo vyaribisesetse, nayo abahiye canke bapfuye barikobarayora ibitoro mukirundi ngo’ indandende ihumira irya.
19 Munyonyo 2016, 11:06, par Domitien
Nipfurije Imiryango Yabuze Kwihangana.
19 Munyonyo 2016, 21:01, par ELEVIS SHIMIRIMANA
Mura sabire ku mana abitavye umuremyi naho umwibaw Imana izomuhana.
20 Munyonyo 2016, 09:24, par Mpozamarira Erias
Ndahojeje imiryango yaburiye mwiryo sanganya ryiyo mudoka, bihangane burumuntuwese afise urupfu rwiwe Imana yamwandikiye.
20 Munyonyo 2016, 11:52, par Tubirabe
Twese twihanganishe imiryango yabuze yose. Nayo Kanyosha avuga ko ababajwe nabazize ubusa.Arahambaze jewe ndahazi uravye aho hantu wohita kwari mubugaragwa imisozi yaho namabuye gusa uribaza ukuntu abantu babayeho ukabonako arisigabwenge kwiyahurira mumuriro nabo sibo ninzara.Harya igisuma kija kwiba kubwo kubura uko cogira.
21 Munyonyo 2016, 18:25, par Diego Kandamazi
Mbabajw Nabapfuy Baj Gutabara Nayo Abariko Biba Igitoro Barakabona Bahiy Nakar Ugutwi Kwimpen Kwumva Kwokej.
25 Munyonyo 2016, 22:48, par bukuru
ntacyo bitwaye kuko abahiye bari abajya gusahura abo n’amabandi ahubwo bagabanutse nuko imana ishimwe nandi mabandi abonereho
25 Munyonyo 2016, 22:49, par bukuru
ntacyo bitwaye kuko abahiye bari abajya gusahura abo n’amabandi ahubwo bagabanutse nuko imana ishimwe nandi mabandi abonereho
27 Munyonyo 2016, 18:27, par astere tuyisabe
Ndasabiye Kumana Abitavye Imana Na Cane Cane Abari Baje Gutabara
28 Munyonyo 2016, 13:12, par ELIAS GAKONI
OOH AYO MABANDI VYARINGOMBWA KO AGABANUKA GUSA ABATUMYE MBABARA NI ABATABAZI BOS