Abantu barenga 50 bapfuye bitewe n’umusunikano muri Ethiopie

Yanditswe na IGIHE
Kuya 3 octobre 2016 saa 07:05
Yasomwe : 19449
0 0

Abantu baharurwa muri 50 nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye bahitanwe n’imisunikano yabaye mu karere ka Oromiya, mu gihugu ca Ethiopia.
Uwo musunikano bivugwa ko watannguye igihe abajejwe umutekano bariko bagerageza gushiragiza abari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza Reta, abaporisi baca babasukamwo ivyuka bikoroza amosozi.
N’aho batatanze ibiharuro bitomoye, Reta ya Etiyopia yemeje ko abantu benshi bapfuye, mu gihe abantu benshi bari bakoraniye mu munsi mukuru wo guhimbaza Imana, ahitwa i (...)

Abantu baharurwa muri 50 nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye bahitanwe n’imisunikano yabaye mu karere ka Oromiya, mu gihugu ca Ethiopia.

Uwo musunikano bivugwa ko watannguye igihe abajejwe umutekano bariko bagerageza gushiragiza abari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza Reta, abaporisi baca babasukamwo ivyuka bikoroza amosozi.

N’aho batatanze ibiharuro bitomoye, Reta ya Etiyopia yemeje ko abantu benshi bapfuye, mu gihe abantu benshi bari bakoraniye mu munsi mukuru wo guhimbaza Imana, ahitwa i Boshoftu, ku birometero 40 uvuye ku mugwa mukuru wa Addis Abeba.

Abajejwe umutekano muri Ethiopia bamenyesha ko abaporisi batanguye gushiragiza abo bantu bari mu myiyerekano, inyuma y’aho abo batavuga rumwe na Reta batanguriye kubatera amabuye n’amacupa, hakaba haciye haba akaguma, abantu bamwe bamwe bakorokera mu binogo.

Imyiyerekano nk’iko imaze iminsi iba muri ico gihugu, igakurikirwa n’ugutana mu mitwe guhitana abantu batari bake.

Abanyagihugu bo mu turere twa Oromia na Amhara bamenyesha ko bashaka kugaragaza akababaro kabo, kuko bavuga ko bakumirwa mu bikorwa vya poritike n’ubutunzi.

Ukwo gutana mu mitwe hamwe n’imyiyerekano vyatanguye neza na neza bivuye ku mugambi wo kwagura igisagara co karere ka Oromia. Ico gikorwa carateye ubwoba abarimyi bo mu bwoko bw’aba Oromo, ugizwe n’abantu benshi baba muri ico gihugu, bakagira amakenga ko bashobora kwimurigwa ahandi.


Kumenyekanisha

1
Bukuru 7-10-2016 à 10:36

hhhh ,,,, birababaje cane gose ubu iyaba ari mu Burundi baba bahise bafatira ibihano ngo bishe abatavuga rumwe n’ubutegetsi bagahita bafatira icyo gihugu ibihano ,,,, naho iyaba ari mu Rwanda police irashe ibyihebe bitanu by’intagondwa z’abayisilamu cg abagenocideli ba FDLR baba bambutsebaje guhungabanya umutekano mu rwanda hakagwamonkinterahamwe ebyiri cg enye Radio zivuza induru ngo mu Rwanda ibint u biracitse ,,,,, none muri Ethiopia ho abantu mirongo iranu bapfuye mu minota mike nta numunsi washize nta nintambara iriyo UN (LONI)naba mpatse africa (abirabura) ntacyo yabivuzeho gikomeyeni nkibisanzwe Yewe africa waragowe kuri ba rutuku hariumuyobozi njya nkunda rimwe na rimwe ajya abasomera nkumva mfite ijulu nari mugabira naba ndi nyirisi nkayimuraga kuko ntakeza ka bazungu bifuriza abirabura na amerika birirwa babarasa babaziza amasura yuko birabura ariko Leta zacu twitoreye zahana abanyabyaha UN CG MPATSABIRABURA induru bakayiha umunwa ngo abantu barashize

2
Murengeza 5-10-2016 à 13:15

sinarinzi ko onu yorya igiturire nibarungike inteko zije muri ethiopie

3
King 4-10-2016 à 09:42

Yaba,ari muburundi akanama ka onu,kaca gakorana ukamengo uburundi si igihugu nkibindi bigize africa

4
. 3-10-2016 à 16:22

Iyaba ari Burundi ONU yociye ikora ivyicaro ijoro numutanga !
Ivyorero vyokubona bimwe ibindi ikabigira nkiyitabibonye nicogituma ONU mwinomwaka iriko irasuzugurwa cane umuvyeyi ntakwiyekwerekana kwafise abana bokwihanganirwa nabandi badakwiye kwihanganirwa.

5
nsaguye andré 3-10-2016 à 15:25

iyabamuburundi ababirigi n abafaransa bacabadusab irintekomvamakungu cankebagacabazan abahingab ibinyomagukor amatohozay ububeshigusa.

6
eric 3-10-2016 à 12:15

naho UNU nikurikirane ababigizemo uruhare, abantu 50 gupfira rimwe !!!
ariko ONU izitonde ethiopia ntibakorako uko biboneye, si nko mu burundi.

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha