IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abarorerezi b’ubumwe bwa Buraya bankiwe gukorana na Angola mu (...)

Abarorerezi b’ubumwe bwa Buraya bankiwe gukorana na Angola mu matora

mardi 18 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Georges Chicoty, umushikiranganji w’imigenderanire ya Angola n’ayandi makungu, yavuze atarya umunwa ko igihugu ciwe kititeze kwakira itegeko na rimwe ry’uwoza abategeka ingene bakurikirana amatora canke abigisha.

N’aho biri uko, umushikiranganji Chicoty avuga ko ubutumire bwahawe ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya bwugururira abashaka bose kuza kuraba amatora muri ico gihugu, ariko ko Reta y’ico gihugu ata masezerano n’amwe izogirana n’amashirahamwe mpuzamakungu y’indorerezi zobanza kwemeza canke kwanka ibizova muri ayo matora.

Amatora y’umukuru w’igihugu muri Angola azoba kw’igenekerezo rya 23 Myandagaro 2017, uwuzotsinda mu kibanza c’umukuru w’igihugu akaba azosubirira José Eduardo dos Santos amaze imyaka 38 ariwe aramutswa ico gihugu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.