IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abategetsi babiri ba Congo bafatiwe ibihano na Amerika

Abategetsi babiri ba Congo bafatiwe ibihano na Amerika

jeudi 29 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika cafatiye ibihano abategetsi babiri bo mu nzego zijejwe umutekano muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, bagirizwa kubangamira demokarasi n’agateka ka muntu muri ico gihugu.

Abafatiwe ibihano ni Amisi Kumba batazira "Tango Fort," agaragara cane mu gucungera umutekano i Kinshasa no mu buraruko bwa Kongo, naho yari yarakuwe mu gisirikare mu mwaka w’2012, bivanye n’icegeranyo casohowe na ONU kimwagiriza gutanga ibirwanisho ku mirwi y’abarwanyi kugira ikore ubwicanyi.

Uwundi yafatiwe ibihano ni General-Major John Numbi Banza Tambo. Mu mwaka w’2008, igiporisi ca Kongo yari arongoye cagirijwe na Human Right watch gukoresha inguvu zirenze urugero ku banyagihugu badafise ibirwanisho, baharanira ubwigenge muvya poritike mu ntara ya Bas kongo.

Mu mwaka w’2010, amatohoza yakozwe na ONU yagirije Numbi kwica uwuharanira agateka ka muntu, ariko ntiyigeze afatwa.

VOA ivuga ko iyo bihano bije mu gihe Reta ya Kongo yongereje inguvu mu kurwanya abayirwanya. Mu mezi 18 aheze, abaharanira demokarasi barapfunzwe, amaradiyo n’imboneshakure navyo vyarugawe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.