Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Addis-Abeba: Igihugu ca Maroc casubiye mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa (...)
Addis-Abeba: Igihugu ca Maroc casubiye mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika
mardi 31 Nzero 2017
Inyuma y’imyaka irenga 30 ,igihugu ca Maroc casubiye kwinjira mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,Maroc yari yavuye mw’ishirahamwe kubera ikibazo c’intara ya Sahara y’Uburengero ico gihugu cavuga ko ari icayo.
Inyanduruko yo kuva mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ku gihugu ca Maroc,ni uko ishirahamwe ico gihe ryitwa OUA ryemeye intara ya Sahara y’Uburengero ko iba igihugu cigenga, ariko igihugu ca Maroc kibandanya kuvuga ko ari intara yaco.
Igihugu ca Maroc cari kimaze igihe kirekire gikora uko gishoboye ngo gisubire mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,ariko ntibikunde.
Ikibazo ca Sahara y’Uburengero kiracateye impari kuko kidahurizwako, ariko benshi mu bakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika bari mu nama i Addis Abbeba bemeje ko igihugu ca Maroc gisubira mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.
IGIHE