IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika irakeneye guserukirwa mu nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano (...)

Afrika irakeneye guserukirwa mu nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi

samedi 10 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 9 Ntwarante 2018, mu gihugu ca Ethipia ku cicaro gikuru c’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat, ari kumwe n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu Sergey Lavrov, yamenyesheje ko Afrika ifise abantu barenga imiriyaridi 2,5 ikaba irenza kimwe ca kane c’abagize uwo muryango, yongera anamenyesha ko mu bibazo vyigirwa muri iyo nama nkuru ya ONU, 60% biraba Afrika, bikaba bitumvikanana ukuntu ivyo bibazo vyigwa neza kandi n’abo vyega batarimwo.

Muri ico kiganiro, umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya n’ayandi makungu, Sergey Lavrov nawe yashikirije ko igihugu ciwe gishikiye impinduka, ku buryo ibihugu biri mu nzira y’amajambere navyo biserukirwa.

Umushikiranganji Sergey Lavrov, yamenyesheje kandi ko ubu hariho icipfuzo c’uko Ubuhindi na Bresil vyoshirwa muri uwo muryango w’ ibihugu bifise ijambo muri iyo nama nkuru y’umutekano ya ONU, ivyo bihugu bikazoba biserukira Aziya na Amerikay’epfo, uwo mushikiranganji akanongerako avuga ko atakwagura uwo muryango mu gihe Afrika nayo idaserukiwe.

Umushikiranganji Sergey Lavrov, yamenyesheje kandi ko Uburusiya bugiye gufasha Afrika mu gutorera umuti mu bibazo bijanye n’amahoro, umutekano, indero hamwe n’iterambere mur rusangi.


Oscar NDAYISHIMIYE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.