Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Epfo: Abanyagihugu bagiriza abanyamahanga kubatwara (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo: Abanyagihugu bagiriza abanyamahanga kubatwara (...)

Afrika y’Epfo: Abanyagihugu bagiriza abanyamahanga kubatwara akazi

samedi 25 Ruhuhuma 2017

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 24 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, abanyafrika y’Epfo barihaye amabarabara biyamiriza abanyamahanga baba muri ico gihugu.Mu gisagara ca Pretoria niho habereye imyiyerekano yiyamiriza abava mu bindi bihugu.

Mu gisagara ca Pretoria, imbere y ‘inzu ikoreramwo ubushikiranagnji bw’intwaro mu gihugu niho imyiyerekano yabereye. Abanyafrika y’Epfo bagiriza abanyamahanga ko baza kubatwara akazi, kandi ko bakora urudandazwa rw’ibiyayura mutwe.

Mu gihe bari mu myiyerekano ,abapolisi bakoresheje amasasu ya plastike,ivyuka bikoroza amosozi hamwe n’amazi kugira bashobora guhagarika ingwano zadutse muri iyo myiyerekano.

Mu ntango zino ndwi tugomba duheze, inzu z’ubudandarizo hamwe n’amazu y’abanyamahanga yaratewe hafi y’umurwa mukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo.

Ikigo Nelson Mandela Foundation kijejwe gutanga infashanyo, cariyamirije iyo myiyerekano yo kwiyamiriza abanyamahanga.


IGIHE

Messages

  • Iyo muhimbiri ya banya aafrika bepfo niba batazi gukora, nirazima akazi bagahereze abagafitiye ubukerebutsi, cakabiri uwutangakazi agahereza uwuje kugasaba. None harumunya frika yagiye gusaba akazi akabwirwa yuko atashobora kukaronka kubera atarumunyamahanga?, izonizanderamaboko.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.