Afrika y’Epfo : Sentare yongereje igihano ca Oscar Pistorius

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 24 novembre 2017 saa 03:07
8730
0 0

Umunonotsi agendana ubumuga Oscar Pistorius yongererejwe igihano co gupfungwa na sentare y’igihugu ca Afrika y’Epfo, yagirizwa kwica umukunzi wiwe Reeva Steenkamp.

Naho yari yaciriwe gupfungwa imyaka itandatu,abashikirizamanza bavuze ko imyaka itandatu yari yaciriwe gupfungwa ari mike, kandi biteye isoni.

Amakuru dukesha Iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umuvugizi w’umuryango wa Reeva Steenkamp yavuze ko urwo rubanza rwashatse kuraba ko habaye ubutungane kuri ivyo vyashikiye umukobwa wo mu muryango wabo.

Sentare ntahinyuzwa igisata c’iyungururrizo i Bloemfontein yasabiye Oscar Pistorius gupfungwa n’imiburiburi imyaka 15, havuyemwo igihe amaze apfunzwe.

Oscar Pistorius yisiguye avuga ko yishe Reeva Steenkamp ku munsi mukuru w’abakundana mu 2013 amwitiranije n’umusuma.

Sentare y’intango yasiguye ko yari yamuciriye gupfungwa imyaka itandatu kuko yemeye ico yakoze kandi akavyicuza.

Oscar Pistorius ntiyitavye urwo rubanza.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha