IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Umugambwe ANC wasavye Jacob Zuma ko atanga imihoho kur’uyu (...)

Afrika y’Epfo : Umugambwe ANC wasavye Jacob Zuma ko atanga imihoho kur’uyu wa gatatu

mercredi 14 février 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ata mwanya munini uheze umugambwe ANC usohoye iyo ngingo.

Kuva mu ntango z’ino ndwi, umugambwe ANC wagumye usaba umukuru w’igihugu Jacob ZUMA gutanga imihoho, ariko nawe yasavye ko bomwongera amezi atatu yo gutunganya ibintu.

Umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo,Jacob Zuma, yagirizwa kurya ibiturire no gusesagura amatungo y’igihugu.

Mw’ijambo yashikirije inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2018, Jacob Zuma yavuze ko ingingo y’umugambwe ANC imusaba gutanta imihoho ari iy’akarenganyo.

Jacob Zuma yavuze ko ata kintu yakoze abona cotuma bamusaba kuva ku butegetsi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.