Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Umugambwe ANC uramutswa umurongozi mushasha
Afrika y’Epfo : Umugambwe ANC uramutswa umurongozi mushasha
mardi 19 décembre 2017
Inyuma y’amatora atari yoroshe hagati ya Ramaphosa n’uwahoze atwara Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika Nkosazana Dlamini Zuma akaba yahoze ari n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Jacob Zuma, Cyril Ramaphosa yaronse amahigwe yo kuba umurongozi wa ANC , asumbije umukeba wiwe amanota 179
Aamakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI amenyesha ko itorwa rya Cyril Ramaphosa ryanezereje gose abakunzi biwe, aho batamvye baratarika.
Nk’uko bimenyerewe muri Afrika y’Epfo aho uwurongoye umugambwe uri ku butegetsi aba umukuru w’igihugu, amahigwe ni menshi kuri Cyril Ramaphosa ku busubirizi bwa Jacob Zuma ku ntebe y’umukuru w’igihugu, mu gihe asigaje imyaka ibiri gusa ngo ikiringo ciwe kirangire.

Pacifique BUKURU