Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika y’Epfo: Umukuru w’igihugu ashobora gukurwako icizere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo: Umukuru w’igihugu ashobora gukurwako icizere

Afrika y’Epfo: Umukuru w’igihugu ashobora gukurwako icizere

dimanche 28 Rusama 2017

Urwo rwandiko rwashikirijwe mu nama idasanzwe y’umugambwe ANC,inama yitaba abagize umurwi nyobozi w’umugambwe bonyene.

Umukuru w’igihugu Jacob Zuma ntiyorohewe kuva aho hashiriwe ahabona ubutumwa buciye ku ngurukanabumenyi e-mail busa n’ubwerekana ko ariko arihweza kuva muri Afrika y’Epfo akaja kwibera mu gisagara ca Dubai.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jacob Zuma yamaze kuvuga ko ubwo butumwa bwaciye ku buhinga ngurukanabumenyi atari bwo, ahubwo ari irementanya.

Haraheze igihe hari abasaba umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo gutanga imihoho bamwagiriza kurya ibiturire no kudashira umuco mu gutunganya ubutunzi bw’igihugu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.