Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo: Umukuru w’igihugu ashobora gukurwako icizere
Afrika y’Epfo: Umukuru w’igihugu ashobora gukurwako icizere
dimanche 28 Rusama 2017
Urwo rwandiko rwashikirijwe mu nama idasanzwe y’umugambwe ANC,inama yitaba abagize umurwi nyobozi w’umugambwe bonyene.
Umukuru w’igihugu Jacob Zuma ntiyorohewe kuva aho hashiriwe ahabona ubutumwa buciye ku ngurukanabumenyi e-mail busa n’ubwerekana ko ariko arihweza kuva muri Afrika y’Epfo akaja kwibera mu gisagara ca Dubai.
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jacob Zuma yamaze kuvuga ko ubwo butumwa bwaciye ku buhinga ngurukanabumenyi atari bwo, ahubwo ari irementanya.
Haraheze igihe hari abasaba umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo gutanga imihoho bamwagiriza kurya ibiturire no kudashira umuco mu gutunganya ubutunzi bw’igihugu.
MUGISHA Van Naris
Messages
30 Rusama 2017, 00:46, par Kadangi
K