Afrika y’Epfo: Umukuru w’igihugu aragirizwa gukorera mu kwaha kwa Guptas

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 3 Ruheshi 2017 saa 09:44
Yasomwe : 5868
0 0

Umugambwe African National Congress (ANC) uri ku butegetsi mu gihugu ca Afrika y’Epfo, wamenyesheje ko ufise amakenga ku butumwa bwa email bwerekana ingene umunyango w’aba Guptas umukuru w’igihugu avamwo ukoresha ibiturire mu gukoresha umukuru w’igihugu Jacob Zuma iyo hageze ko afata ingingo.

Umugambwe ANC uvuga ko ibivugwa ku mukuru w’igihugu Jacob Zuma bituma abanyagihugu bakura icizere kuri Reta,kandi ibivugwa bitari bikwiye gushika mu banyagihugu.

Haraheze indwi imwe gusa, umugwi nyobozi w’umugambwe ANC uhejeje kwiga kazoza k’umukuru w’igihugu Jacob Zuma wafashe ingingo yo kumugumiza ku burongozi bw’umugambwe.

Jacob Zuma amaze guhakwa gukugwa n’abo bari kumwe mu mugambwe ANC incuro nyinshi,uwuzomusubirira bitegekanijwe ko azotorwa mu kwezi kwa Kigara 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha