IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Umukuru w’igihugu yanse gutanga imihoho

Afrika y’Epfo : Umukuru w’igihugu yanse gutanga imihoho

mardi 6 février 2018

Umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo abandanije guhimirizwa gutanga imihoho mu gihe abanywanyi b’umugambwe ANC, bari mu nama yihutirwa biga kuri kazoza kiwe.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abakuru b’umugabwe bashaka ko umukuru w’igihugu ava ku butegetsi imbere yuko hashikirizwa ijambo mu nama nshingamateka ku kuntu igihugu cifashe, ivyo bikazoba kuwa kane igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2018.

Hejuru y’umubonano n’abakuru mu mugambwe ANC, umukuru w’igihugu Jacob Zuma yarabonanye kandi n’umwami w’Abazulu, Goodwill Zwelithini.

Ibiro vyiwe vyavuze ko uwo mubonano wari usanzwe, ariko vyavuzwe ko umwami ashobora kwongera ijwi mu yasaba umukuru w’igihugu Jacob Zuma gutanga imihoho.

Iradiyo y’abongereza BBC ,imenyesha ko naho ariko asabwa gutanga imihoho, ku burongozi bwa Jacob Zuma, ubuzi bwa Reta bwariyongereye, ikiza ca Sida gisubira hasi, imigambi yiwe mu vy’iterambere irashigikirwa n’abanyeporitike.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.