IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Umukuru w’igihugu Jacob Zuma yatanze imihoho

Afrika y’Epfo : Umukuru w’igihugu Jacob Zuma yatanze imihoho

jeudi 15 février 2018

Nk’uko tubikesha BBC,mw’ijambo yashikirije abicishije ku mboneshakure y’igihugu,Jacob ZUMA yamenyesheje ko atanze imihoho ariko atemera ingingo z’umugambwe wiwe ANC.

Inyuma yo gushimira abantu bose bakoranye mu kazi,Jacob ZUMA yamenyesheje ko ukutumvikana kuri mu mugambwe ANC arivyo vyatumye atanga imihoho.

Jacob ZUMA yavuze ati :“Nta buzima bugiye kwononekara kubera jewe,umugambwe ANC ntugiye kwicamwo ibice kubera jewe, nafashe ingingo jewe nyene yo gutanga imihoho nk’umukuru w’igihugu.”

Jacob ZUMA yavuze kandi ati :“Naho ntemera ingingo yafashwe na ANC nabaye umunywanyi mwiza kandi w’indero mu mugambwe.”

Yavuze ko naho avuye k’ubutegetsi azobandanya akorera igihugu ciwe hamwe n’umugambwe ANC yakoreye ubuzima bwiwe bwose.

Jacob ZUMA afise imyaka 75 akaba yabaye umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2009,
hari haheze iminsi asabwa n’umugambwe wiwe gutanga imihoho mu kibanza c’umukuru w’igihugu kubera ivyagiriji bijanye n’igiturire.

Bivugwa ko Cyril Ramaphosa aheruka kugenwa kuba umukuru w’umugambwe ANC ariwe ashobora kumusubirira.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.