Afrika y’Epfo : Umukuru w’igihugu mushasha yiyemeje kurwanya igiturire

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 16 février 2018 saa 09:58
13695
0 0

Umukuru w’igihugu mushasha w’igihugu ca Afrika y’Epfo,Cyril Ramaphosa, yavuze ko mu bintu nyamukuru azoshira imbere mu gihe azoba ari ku burongozi bw’igihugu ari ukurwanya igiturire.

Mw’ijambo yashikirije inama nshingamateka haheze umwanya muto atowe, Cyril Ramaphosa, yavuze ko azokorana n’imigambwe yose mu gutezaimbere ubuzima bw’abanyagihugu.

Umukuru w’igihugu mushasha wa Afrika y’Epfo, yiyemeje kandi gukora yivuye inyuma kugira ntaze ahemukire abanya Afrika y’Epfo.

Cyril Ramaphosa, ari nawe arongoye umugambwe uri ku butegetsi ANC kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri, ashikiriye ubutegetsi igihugu kiri mu bibazo vy’ubutunzi hamwe n’ukutumvikana mu mugambwe uri ku butegetsi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha