IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’Epfo : Umuririmvyi Hugh Masekela yitavye Imana ku myaka (...)

Afrika y’Epfo : Umuririmvyi Hugh Masekela yitavye Imana ku myaka 78

mardi 23 janvier 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko,umuryango w’uwo mucuraranzi watangaje ko Masekela yapfiriye mu gisagara ca Johannesburg, inyuma yo kugwara umwanya muremure indwara ya cancer.

Hugh Masekela yamenyekanye cane kubera ukuntu yavuza umuziki wa Afro-Jazz hamwe n’indirimbo ziwe zamenyekanye cane harimwo iyitwa Soweto Blues.

Iyo ndirimbo yasohotse mu mwaka wa 1977 yarafashije cane mu gikorwa co guhangana n’intwaro karyanishamiryango mu gihugu ca Afrika y’Epfo.

Hugh Masekela yafatwa na benshi nk’ "umuvyeyi w’umudiho wa Jazz mu gihugu ca Afrika y’epfo."


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.