Afrika y’Epfo : Umwuzukuru wa Mandela avuga ko yafashwe ku nguvu n’uwo bahora bakundana

Yanditswe na Huguette NKURUNZIZA
Kuya 24 octobre 2017 saa 04:48
Yasomwe : 18414
0 1

Ndileka Mandela, umwuzukuru wa Nelson Mandela amenyesha ko haciye imyaka itanu afashwe ku nguvu mu cumba ciwe n’umuhungu bigeze gukundana.

Inyuma y’akamo katewe ku rubuga ngurukanabumenyi Twitter, hamwe n’ihagarikwa rya Weinstein umuhinyanyuzi w’amareresi muri Amerika, yagirizwa gufata ku nguvu n’ugukubagura abakenyezi bifatiye ku gitsina, haribonekeza abapfasoni n’abigeme benshi bamenyesha ko bakubaguwe.

Ku rubuga rwiwe rwa Facebook, umwuzukuru wa Nelson Mandela, Ndileka Mandela avuga ko amabi nkayo abaho ariko kenshi biba nkakamizwe n’ingoma, bitavugwa.

Ndileka Mandela aravuga uko vyagenze : “ mur’iryo joro, nari mu cumba nryamye, ndamubwira ko ndushe nkeneye kuruhuka, acarasohoka kuraba umupira hamwe numwana wanje. Mu nyuma yaragarutse aca aramfata ku nguvu.”

Uwo mwuzukuru wa Mandela avuga ko ategerezwa gushinga intahe kugira amabi nkayo ahagarare.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha