IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrika y’epfo : Abanyamahanga basubiriye gukorerwa ubugizi bwa (...)

Afrika y’epfo : Abanyamahanga basubiriye gukorerwa ubugizi bwa nabi

lundi 20 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Indwi iraheze hibonekeza ibikorwa vyo guhohotera abanyamahanga mu gihugu ca Afrika y’epfo, mu bisagara ca Johannesburg na Pretoria, aho bamwe baturirirwa amazu, abandi bagasahurwa.

Ivyo bikorwa vyo guhohotera abanyamahanga vyatangiriye ahitwa Rosettenville, aho imodoka 26 zaturiwe n’abantu bataramenyekana, nk’uko mu giporisi babimenyesheje. Uretse izo modoka zaturiwe, n’inzu z’abanyamahanga zarabomowe.

Abaporisi bo mu bice bibangamiwe cane bavuga ko bagiye gukomeza umutekano hamwe n’ukwongereza inguvu mu kurwanya ubwo bugizi bwa nabi bukorerwa abanyamahanga mu bice bitandukanye.


IGIHE

Messages

  • Nukuri inyambukira zaragowe. None kugira abantu bagiye kurondera ubuzima batebe bahigwe buhongo ataco bazira. Reta yaho ntacikora kugira ikingire inyambukira kugira bakore akazi kabo atankomanzi. Nibabareke bironderere ubuzima yemwe!

  • EMWE AFRIKA IRATUGO KUBAKO

  • turagowe ahubwo muri zambia naho hari ubusuma butangaje kwibwa kumurango abantu babona ntibagutabare kubera urumunyamahanga kuwagatandatu uheze isaha06:15 grand frere yagiye kurangura ahura nimisore umucumita iruhande yijisho mugabo imana ninziza nimuzima

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.