Afrika y’epfo : Amatongo agiye gusubizwa vuba abirabure baho

Yanditswe na Oscar NDAYISHIMIYE
Kuya 28 Ruhuhuma 2018 saa 12:35
10680
0 0

Ni kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 27 ruhuhuma 2018, aho Inama nshingamateka ya Afrika y’epfo, yatora itegeko ryo kwaka amatongo ata ndishi ku bari bayasanganywe, ivyo bikaba vyari vyatanzwe mu nama nshingamateka y’ico gihugu n’umugambwe uharanira iterambere EFF.

Inyuma y’imyaka 20 y’intwaro karyanishamiryango, umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y’Epfo (ANC), wari urajwe ishinga n’ico kibazo c’ubusumbane bw’amatongo afiswe n’abanyagihugu baho bivuye ku rukoba rutandukanye bafise.

Mu cigwa cakozwe n’ubutegetsi bwa Afrika y’Epfo, berekana ko abirabure bashika ku bice 79 kw’ijana vy’abanyagihugu b’ico gihugu bafise amatongo yo kurima mu gihugu ashika ku bice 1,2 kw’ijana vy’amatongo yo kurima agize Afrika y’Epfo.

Ku cerekeye ubutunzi, uburimyi buri mu maboko y’abazungu bafise ibice 73 kw’ijana kuri 85 kw’ijana bari bafise inyuma y’intwaro karyanishamiryango.


Kumenyekanisha

1
king 28-02-2018 à 13:19

ibibazo by’abirabura ntibizohera mpaka Ku munsi w’imperuka

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha