IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Afrique y’Epfo : Umugambwe ANC utegekanya inama yihuta yiga ikurwa rya (...)

Afrique y’Epfo : Umugambwe ANC utegekanya inama yihuta yiga ikurwa rya Jacob Zuma

lundi 5 février 2018

Nk’uko tubikesha ikinyamakuru c’abanyamerika VOA, Jacob Zuma araremerewe cane,akaba ashobora gukurwa imbere y’uko ikiringo ciwe kirangira mu mwaka wa 2019.

Iyo nama itunganijwe mu gihe kuruyu w’Imana urangiye igenekerezo rya 4 Ruhuhuma, hari habaye ihuriro hagati y’uburongozi bwa ANC na Jacob Zuma, nk’uko bivugwa na Gwede Mantashe, umwe mu barongozi ba ANC, bakaba bavugana ku kibereye gukorwa ku neza aya ANC n’igihugu.

Jukius Malema, arongoye EFF,umugambwe utavuga rumwe na Reta, avuga ko Jacob Zuma yarahiye ararengwa gutanga imihoho, ngo ntakibi yakoze cotuma ava ku burongozi bw’igihugu.

Jacob Zuma akaba yaraherutse gukurwa ku burongozi bw’umugambwe ANC, akaba yasubirijwe na M. Ramaphosa, asanzwe azwi nk’uwurwanya cane igiturire n’ugusesagura amatungo y’igihugu.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.