Amatora y’uwuzosubirira Joseph Kabila yashizwe mu 2018

Yanditswe na IGIHE
Kuya 3 Gitugutu 2016 saa 10:14
Yasomwe : 23229
0 0

Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo wamenyesheje ko amatora y’umukuru w’igihugu yungururijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe umwaka w’2018.
Iyo ngingo yamenyeshejejwe n’umukuru w’uwo murwi ujejwe gutegura amatora, Corneille Nanga, igihe yariko arashikiriza ijambo abitavye ibiganiro bimaze iminsi bihuza abafise uruhara muri politike yo muri ico gihugu. Corneille Nanga yasavye ko umurwi arongoye wohabwa umwanya ukwiye wo kwitegura.
Mu bikorwa (...)

Mu bikorwa bikenewe gukorwa, harimwo ko abitavye ibiganiro basavye ko amatora yose yobera rimwe, kwandika abazotora, kugena ibibanza amatora azoberamwo hamwe no gushikana ibikoresho ku tuzu tw’amatora.

Abatavuga rumwe na Reta ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ntibabona kumwe iyo ngingo y’umurwi ujejwe gutegura amatora. Bamwe bavuga ko hako amaraso yoseseka, borendira iyo myaka ibiri, mu gihe abandi bavuga ko umukuru w’igihugu Joseph Kabira ategerezwa kuva ku butegetsi igenekerezo rya 19 Kigarama 2016.

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha