Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Angola : Ababitse amafaranga hanze y’igihugu basabwe kuyagarukana
Angola : Ababitse amafaranga hanze y’igihugu basabwe kuyagarukana
mercredi 21 février 2018
Itegeko risaba ko ayo mafaranga agrukanwa mu gihugu ryashizweho n’inama y’abashikiranganji mu ntango z’ukwezi kwa kabiri,uyu mwaka, ariko vyari vyatanguye kuvugwa mu kwezi kwa Kigarama 2017.
Iryo tegeko rivuga ko hashizweho iminsi 180 y’ikigongwe ku banyagihugu babitse amafaranga yabo hanze y’igihugu hamwe no ku mashirahamwe afise ivyicaro bikuru muri Angola.
Umukuru w’igihugu Lourenço amaze amezi indwi atowe, yiteze ko iryo tegeko rizotuma amafaranga menshi yinjira mu gihugu akabikwa mu mabanki yo muri Angola kandi bigateza imbere ubutunzi bw’igihugu bwari butanguye gusubira inyuma kubera ibiciro vy’igitoro vyamanutse.
Amakuru dukesha ikinyamakuru Jeuneafrique, amenyesha ko abazogarukana amafaranga mu gihugu mu gihe catanzwe, batazokurikiranwa n’ubutungane canke ngo babazwe iyo bayakuye.
Iminsi 180 iheze, Reta izokoresha inguvu zose zishoboka, kugira ayo mafaranga agurukanwe mu gihugu.
MUGISHA Van Naris