Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Angola : Abanyagihugu bari mu matora y’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Angola : Abanyagihugu bari mu matora y’umukuru w’igihugu

Angola : Abanyagihugu bari mu matora y’umukuru w’igihugu

mercredi 23 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Abakurikirana hafi ivyamatora y’aho mu gihugu ca Angola bamenyesha ko umugambwe uri k’ubutegetsi MPLA ko ariwo ahabwa amahirwe yo gutahukana intsinzi.

Abantu benshi baza kwitaba ayo matora bari musi y’imyaka 35 akaba aribo bafise ijambo rya nyuma, bakaba basaba ko ikibazo co kuronsa akazi abatakagira coshirwa imbere.

Uwaharurwa ko ashobora guhangana n’umugambwe uri kubutegetsi ni Isias Samakuva aserukira umugambwe Unita, nayo uwuserukira umugambwe Casa-CE, Abel Chivukuvuku agaharurwa ubugira kabiri mu bafise inguvu zo gushobora guhangana n’umugambwe MPLA, akaba yahoze mu barongozi bakuru b’uwo mugambwe igihe wari ukiri umugwi w’abagwanyi.

Mwomenya ko uwahora atwara ico gihugu Jose Eduardo Dos Santos w’imyaka 74 atwaye ico gihugu imyaka 38 kuva kironse intahe yo kwikukira mu mwaka w’1975 kivuye mu maboko y’Abakoroni ba Portugal. Umugambwe wiwe MPLA ukaba waserukiwe n’uwahora ari umushikiranganji wo kwivuna abansi Joao Lourenco.

Ayo matora ariko araba muri Angola ni ay’abashingamateka, umugambwe uyatsinda akaba ariwo uca uvamwo umukuru w’igihugu.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.