Angola :Joao Lourenco yimitswe mu mabanga y’umukuru w’igihugu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 26 Nyakanga 2017 saa 04:47
Yasomwe : 7002
0 0

Joao Lourenco aheruka gutorwa kuba umukuru w’igihugu ca Angola yimitswe murayo mabanga kuruno wa kabiri igenekerezo rya 26 nyakanga 2017 ku mugwa mukuru Luanda.

Joao Lourenco yatsindiye kuba umukuru w’igihugu aserukiye umugambwe wa MPLA warusanzwe urongowe na Jose Eduard Dos Santos yaramaze imyaka 38 atwara ico gihugu.

Amakuru ava mu bakwirikirana hafi poritike yo mu gihugu ca Angola avuga ko Dos Santos azogumana ububasha bunini mu mugambwe wiwe aho azoshobora no kugena umukuruw w igisata c’igiporisi hamwe n’umukuru w’intwaramiheto w’ico gihugu.

Bimwe mu bidashimwa na benshi aho muri Angola nuko Dos Santos yashize abana biwe mu bisata bikomakomeye vy’igihugu vyinziza ubutunzi harimwo umukobwa wiwe asanzwe ari uwambere atunze ku rwego rwa Afirika Isabelle Dos Santos.

Mwomenya ko umugambwe MPLA watanguye gutwara ico gihugu kuva uronse intahe yo kwikukira mu mwaka w’i 1975.


Kumenyekanisha

1
karimu 27-09-2017 à 11:18

None mwotubwira Umukuru w’Igihugu Nkurunziza yoba yitavye iyimikwa rya President wa Angola canke yarungitse uwomuhagararira?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha