Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Angola : Umugambwe MPLA watsinze amatora y’umukuru w’igihugu
Angola : Umugambwe MPLA watsinze amatora y’umukuru w’igihugu
vendredi 25 Myandagaro 2017
MPLA watahukanye intebe 220 mu nama nshingamateka, aho bikategekanywa ko uwaserukiye uwo mugambwe Joao Lourenco azoca asubirira Jose Eduardo Dos Santos w’imyaka 74, yari amaze imyaka 38 atwara ico gihugu.
Umuvugizi w’umurwi utegura amatora Julia Ferreira mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yamenyesheje ko umugambwe utavuga rumwe na MPLA, Unita (Union nationale pour l’indépendance totale de l’Angola) waronse amajwi 24,04 kw’ijana, umugambwe Casa-CE uronka 8,56 kw’ijana.
Mwomenya ko Jose Edouardo dos Santos w’imyaka 74 yafashe ingingo yo kutitoza inyuma y’imyaka 38 atwara ico gihugu kuva kivuye mu minwe y’intwaro y’igikoroni ca Portugal.
Jose Edouardo dos Santos yagirizwa n’abatavuga rumwe nawe ko yihagiye ubutunzi bw’igihugu, aho bavuga ko yahaye umukobwa wiwe Isabel asanzwe aharurwa mu bagore batunze kurusha abandi muri Afirika kuba umukuru w’ishirahamwe rya Reta rijejwe ivy’igitoro muri ico gihugu (Sonangol).
Vianney BIKORIMANA
Messages
25 Myandagaro 2017, 09:57, par nephtalie
turamukeje uwatahukanye intsinzi muri angola tumwipfurije kuzogiteza imbere hanyuma agatwarira bose.