Home > Amakuru > Muri Afrika > Angola: Uwahoze ari umukuru w’abagwanyi Jonas Savimbi agiye gushinguranwa (...)
Angola: Uwahoze ari umukuru w’abagwanyi Jonas Savimbi agiye gushinguranwa iteka
Thursday 16 August 2018, by
Amakuru dukesha iradiyo BBC amenyeshako ku musi wa gatatu uheze niho umukuru w’umugambwe UNITA awutwara ubu , Isaias Samakuva, yavuze ko yagiranye ibiganiro n’umukuru w’igihugu wa Angola Joao Lourenco bemeranya ko Jonas Savimbi agiye guhambururwa kugira ashinguranwe iteka.
Ayo makuru avuga ko mu ntango z’ukwezi kwa Myandagaro umukuru w’umugambwe UNITA Isaias Samakuva yagirije Reta ya Angola ko yanse ko Savimbi ashinguranwa iteka aho yavuze yuko vyerekana ikimenyetso co gukumira.
Jonas Savimbi yishwe kw’igenekerezo rya 22 Ruhuhuma umwaka wa 2002 aca ashingurwa inyuma y’umusi umwe yitavye Imana mu ntara ya Moxico iri mu buseruko bw’ico gihugu.

Inyuma y’indwi zitandatu yishwe umugambwe UNITA yararongoye waciye ushira umukono ku masezerano y’amahoro na Reta intambara yari imaze imyaka 27 irangira gutyo.
Vianney BIKORIMANA